Indirimbo Zikundwa Open in the app

#256

Har’igikorwa c’imana

Umuco

Couplet 1

Har’igikorwa c’Imana ico gikorwa s’ikindi n’ijambo rihishuwe ryahawe abana b’Imana.

Refrain

Ni nde, ni nde yahishuriwe ukuboko kw’Uhoraho? Ni nde ni nde yemeye inkuru zacu, ko tur’abanyamibabaro?

Couplet 2

N’ah’iy’isi yokwuzura amadayimoni isinzi aza mw’ihanga ry’Imana, ntiyoritsinda na gato kuko Yesu yanesheje.

Refrain

Ni nde, ni nde yahishuriwe ukuboko kw’Uhoraho? Ni nde ni nde yemeye inkuru zacu, ko tur’abanyamibabaro?

Couplet 3

Yesu Kristo ku musaraba yarasemereye cane, ati vyose birarangiye iyo niyo ntsinzi dufise.

Refrain

Ni nde, ni nde yahishuriwe ukuboko kw’Uhoraho? Ni nde ni nde yemeye inkuru zacu, ko tur’abanyamibabaro?

Couplet 4

Twuzur’ijambo ry’Imana dusengere muri Mpwemu, turenge umubiri n’ubwenge turagw’ivyasezeranywe.