#201
Umunsi wo kuza kw’umwami
Umuco
Couplet 1
Umunsi wo kuza kw’Umwami, uregereje cane, nanje nama niteguriye uwo musi, ah’abapfiriye mu Mwami bazozuka ./.Bene Data bose tuzobonana, Paulo na Daniyeli tuzobonana./.
Refrain
Nezerwa himbarwa, mutima wanje kukw’ ivyo wizeye ari ivy’ukuri; kukw’ abatasi bose, abagiyeyo bose, ata numwe yagaye ico gihugu; n’igihugu gitemba amata n’ubuki, inzara n’urupfu ntibiriyo. N’igihugu c’Abera b’Iyera, nanje nziboner’ Umwami imbonankubone ./.Nzoririmba Urukundo rwiwe, turi kumwe n’Abera bose; turirimbe iyo mw’Ijuru duti: Haleluya!./.
Couplet 2
N’umunsi w’akanyamuneza kenshi, kur’iryo koraniro rihamabaye cane, tuzoba turangije urugamba kubw’ Amaraso ya wa Mwagazi ./.Nk’ ukw’ ijambo ry’ubuhanuzi rivuga, yukw’ico gihe tuzoba tunesheje./.
Refrain
Nezerwa himbarwa, mutima wanje kukw’ ivyo wizeye ari ivy’ukuri; kukw’ abatasi bose, abagiyeyo bose, ata numwe yagaye ico gihugu; n’igihugu gitemba amata n’ubuki, inzara n’urupfu ntibiriyo. N’igihugu c’Abera b’Iyera, nanje nziboner’ Umwami imbonankubone ./.Nzoririmba Urukundo rwiwe, turi kumwe n’Abera bose; turirimbe iyo mw’Ijuru duti: Haleluya!./.
Couplet 3
Indimi zose n’amoko yose, bazoba bari mur’ iryo koraniro, abazoba biteguriye Ubukwe, bwa wa Mwagazi w’intama ./.Bazokwinjira mu mazimano, yateguriwe Umugeni./.
Refrain
Nezerwa himbarwa, mutima wanje kukw’ ivyo wizeye ari ivy’ukuri; kukw’ abatasi bose, abagiyeyo bose, ata numwe yagaye ico gihugu; n’igihugu gitemba amata n’ubuki, inzara n’urupfu ntibiriyo. N’igihugu c’Abera b’Iyera, nanje nziboner’ Umwami imbonankubone ./.Nzoririmba Urukundo rwiwe, turi kumwe n’Abera bose; turirimbe iyo mw’Ijuru duti: Haleluya!./.
Couplet 4
Bene Data mwese mwitegurire, kwinjira mur’ ubwo Bukwe, eh’igihe cabwo kiregereje, Umukwe Agiye kuza ./.Agakiza kacu karegereje, tugiye kuva mur’ iy’isi./.