Indirimbo Zikundwa Open in the app

#818

Ilawodikiya nind’azotsinda

Umuco 2

Couplet 1

Ilawodikiya nind’azotsinda, N’uwinjiye mw’ijambo ritavanze Mfasha Mwami wanje ntsind’iki gihe Kuko nanje nd’umwe mu bakwizera.

Refrain

Ilawodikiya huzuy’ingwara Ilawodikiya huzuy’urwanko Ilawodikiya har’ingorane Mfasha Mwami Yesu ntsind’iki gihe.

Couplet 2

Twari twarafashwe mpiri n’idini Twar’abaja b’urwanko n’inzigo Watugiriy’ubuntu uradukiza Dufashe dutsind’irawodikiya.

Refrain

Ilawodikiya huzuy’ingwara Ilawodikiya huzuy’urwanko Ilawodikiya har’ingorane Mfasha Mwami Yesu ntsind’iki gihe.

Couplet 3

Ngusavye Mwami Yesu nguz’unganze Umutima ubwenge n’umubiri Nivyo ntunze Yesu n’uze unganze Ngirir’ubuntu n’ubugira kandi.

Refrain

Ilawodikiya huzuy’ingwara Ilawodikiya huzuy’urwanko Ilawodikiya har’ingorane Mfasha Mwami Yesu ntsind’iki gihe.

Couplet 4

Isi n’ivyayo bizoshira vyose Ijambo nizeye rizohoraho Mfasha Yesu ngukorere nkiriho Kugira ngo mbon’umugabane wanje.

Refrain

Nd’umuntu buntu ntaco nshoboye Nshoboza gutsind’iki gihe kibi N’ububi busigaye n’ubunkize Yseu Kristo Mukiza nuz’Umfashe.

Couplet 5

Ilawodikiya nta ciza mbona Huzuy’ingwara inzara n’ubukene Uruzuba n’ibindi bibi vyinshi Mfasha Mwami Yesu ntind’iki gihe.

Refrain

Nd’umuntu buntu ntaco nshoboye Nshoboza gutsind’iki gihe kibi N’ububi busigaye n’ubunkize Yseu Kristo Mukiza nuz’Umfashe.