#793
Intambwe iyo yivuze
Umuco 2
Couplet 1
Intambwe iyo yivuze Haba harico yabonye Umutego ushibutse Haba haric’ushibukanye Ijambo ry’Umwami yesu Ryaramaze kwivuga Ukuri kw’Umwami Yesu Kwamaze kwamamara hose.
Refrain
Mukristo mwana w’Imana Komeza wuzur’ukwizera Komeza wuzur’ukwihangana Tugiye kurangiza {Iyi miruho n’ubutame tubone kubiruhuka.} x2
Couplet 2
Umwami Yesu niwe Rukundo agiye gusozera igikorwa yatanguye C’itegurwa ry’umugeni Niwe buye risozera Rigiye kumanuka Ishengero rya Kristo ry’ukuri Rizoca riboneka.
Refrain
Mukristo mwana w’Imana Komeza wuzur’ukwizera Komeza wuzur’ukwihangana Tugiye kurangiza {Iyi miruho n’ubutame tubone kubiruhuka.} x2
Couplet 3
Ijambo ryavuzwe n’ukuri Rigiye no gushika Uwihanganir’ivyo ducamwo Haric’agiye kubona Uhoraho eka n’uwera Kandi n’uwo kwizigirwa N’uwo kwizerwa ku bizera N’Iman’idahinduka.
Refrain
Mukristo mwana w’Imana Komeza wuzur’ukwizera Komeza wuzur’ukwihangana Tugiye kurangiza {Iyi miruho n’ubutame tubone kubiruhuka.} x2
Couplet 4
Abasinziriye bizeye Harico barindiriye Barindiriye ivyo vyiza Vy’ibihe bidashira Na bwa bukwe buhebuje Bw’umukwe n’umugeni Twes’abavyizey’uko turi Tugumy’ivyo vyizigiro.