#791
Yesu Kristo ni wewe
Umuco 2
Couplet 1
Yesu Kristo ni wewe Nzama nereka vyose Mu kubaho kwanje Kw’ariwe Mana yanje {Wewe Mwam’Uhoraho.} x2
Refrain
Yesu Krist’ushimwe Hangama hangama Uhangaze n’abawe twibereho dushima {Muvyo tugenda ducamwo.} x2
Couplet 2
Mu bihe ducishwamwo Turi mw’Ijambo ry’Ukuri Bitwigisha vyinshi Tukagendana nawe {Mwami -ii Yesu Kristo.} x2
Refrain
Yesu Krist’ushimwe Hangama hangama Uhangaze n’abawe twibereho dushima {Muvyo tugenda ducamwo.} x2
Couplet 3
Ivyo twocamwo vyose Niyo vyoter’ubwoba Ntaho bitujana Turi mw’izina ryera {Twamana inkomezi.} x2
Refrain
Yesu Krist’ushimwe Hangama hangama Uhangaze n’abawe twibereho dushima {Muvyo tugenda ducamwo.} x2
Couplet 4
Twosamazwa n’ibiki Vyotubuz’iyo tuja Kw’iyo tuva tuhazi Tubona niyo tuja {Aher’iwacu mw’Ijuru.} x2
Refrain
Yesu Krist’ushimwe Hangama hangama Uhangaze n’abawe twibereho dushima {Muvyo tugenda ducamwo.} x2
Couplet 5
Ukwizigir’ijambo Bitanga ububasha Bwo kunesha vyose Bibabaz’abizera {Twaman’ukwihangana.} x2
Refrain
Yesu Krist’ushimwe Hangama hangama Uhangaze n’abawe twibereho dushima {Muvyo tugenda ducamwo.} x2
Couplet 6
Ivyo mbon’aho hafi N’ivyo numv’iyo hirya Satan’ategura Bituma nsenga cane {Yesu akangwanirira.} x2
Refrain
Yesu Krist’ushimwe Hangama hangama Uhangaze n’abawe twibereho dushima {Muvyo tugenda ducamwo.} x2
Couplet 7
N’iyo vyoshika naho Nkashikirwa n’ivyago N’igipimo canje Je nguma nshim’Imana {Nkaman’ umunezero.} x2