#778
Ni murabe mwese igihe
Umuco 2
Couplet 1
Nimurabe mwes’igihe turimwo N’igihe ciza yemwe k’uwizeye Aho tubona neza ibitwereka Ko tugira dutahe yemw’iwacu-Ibimenyetso vyose vyarashitse Bitugaragariza ko hageze Ko tugira dutah’aho twahoze Mw’Ijuru ku Mwami wac’adukunda.
Couplet 2
Ncuti yanje tegur’impuzu yawe Urabe neza kufis’iyubukwe Ugasanga naho idateguye Raba neza ico wob’uhajije-Uyu n’umwanya wawe itegure Kuko nta mwanya uhari wo gupfina Ejo hawe mwene Data ntuhazi Kovya rwos’ubone gusa n’ijambo.
Couplet 3
Turahabw’ibikwiye mw’ijambo Nico gitum’atac’uzireguza Hindukira ncuti bigishoboka Ejo haraho utazumv’ijambo-Mbega ko witwararik’ivy’isi Kand’ar’ivy’igihe gito cane Itwararik’ivy’ubwami bw’ijuru Kuko ncuti nivyo bizohoraho.
Couplet 4
Mwami wanje kandi Mana yanje Yesu Kristo we Mutabazi wanje Udutabare twes’abana bawe Tubeho mwami wacu nkuko ugomba-Dushir’imitima yacu kw’ijambo Ryama rivugirwa hagati yacu Ritubwira kwitwararik’ivyawe Ibindi navyo yemwe n’inyongera.
Couplet 5
Ndatakamba ntakambir’umukiza Kugira amfashe menye igikwiriye Kuko Data ntaco no kwishoboza Nshaka gufashwa nawe Mwami Mana-Ndatarits’amaboko yanje yose Kugira mbon’ugutabarwa Mwami Maze ngende Mwami, nizer’ijambo, Ndaryumvira ryose muco rimbwira.
Couplet 6
Mwene Data dufatan’amaboko Tub’umwe m’urukundo rw’Umukiza Yadukunze kugira ngo atwereke Uko natwe dukwiye gukundana-Duharirane mu bintu vyose Twerekan’akaranga kuwadukunze Twaman’amahoro imisi yose Maze ishimwe rigarukir’Umwami.
Couplet 7
Mwami Yesu umpe je kuba maso Kugira sinsinzirire mw’iyi si Uzosange nambaye kugororoka Gutangwa n’ijambo ryawe rizima-N’iryo mababa azongurukana UramfashaMwami kuguhimbara Kugira nitonder’ijambo ryawe Nzoshobore gushik’ah’uzob’uri.