#768
Mur’urugendo je ndimwo
Umuco 2
Couplet 1
Mur’Urugendo je ndimwo Mpura n’ingorane nyinshi pe Ngerageza kwirinda yamara nsanga birananiye.
Refrain
Nshoboza Mwami kugukorera Naho noba ntari mw’ikoraniro Kuko wewe ubona hose Haba mw’ijoro n’umurango.
Couplet 2
Iyo nibutse ivya Dawidi Ingene Mwami wamuhariye Nanje ndagusavye Mukiza Umparire ivyaha vyanje.
Refrain
Nshoboza Mwami kugukorera Naho noba ntari mw’ikoraniro Kuko wewe ubona hose Haba mw’ijoro n’umurango.
Couplet 3
Ngirir’ikigongwe Mukiza Usibanganye ivyaha vyanje Maz’umpe no gushir’amanga Mu gikorwa cawe Mana.
Refrain
Nshoboza Mwami kugukorera Naho noba ntari mw’ikoraniro Kuko wewe ubona hose Haba mw’ijoro n’umurango.
Couplet 4
Iki gihe je ndakiraba Kiranyibuts’ica Sodomu Na Gomora none Mukiza Tabara ishengero ryawe.
Refrain
Nshoboza Mwami kugukorera Naho noba ntari mw’ikoraniro Kuko wewe ubona hose Haba mw’ijoro n’umurango.
Couplet 5
Ivyo ndabivuze ku bwanje Kuko je nd’umunyantege nke Ariko hoba mwene data Ameze nkanje twes’udufashe.
Refrain
Nshoboza Mwami kugukorera Naho noba ntari mw’ikoraniro Kuko wewe ubona hose Haba mw’ijoro n’umurango.
Couplet 6
Niwunv’ugusenga kwacu Utubabarire twes’ubu Ubushobozi bwawe Mana Bugende butubonekako.