#752
Ncuti biratugoye
Umuco 2
Couplet 1
Ncuti biratugoye muri runo rugendo Kuko ingorane ziguma ziyongera Ushaka gukunda Yesu nay’isi ikagukwega Nay’Imana yavuze yuk’umukunzi wayo Acahinduk’akab’umwansi wo kwank’iyisi {N’ureme mwene data ushishikare gusenga.} x2
Refrain
Ibizimiza benshi, vyamaze kurwirirana Inyigisho z’amadini, zamaze kurwirirana Uburyarya bwo mw’isi, bwamaze kurwirirana Ubwicanyi bwo mw’isi, bwamaze kurwirirana Ubusambanyi bwo mw’isi, bwamaze kurwirirana, {Ntuhagarikwe nuko bihagaz’imbere yawe Izer’umwami Yesu ushishikare gusenga.} x2
Couplet 2
Nuko mwene data shishikara mugusenga Gumiz’umutima kw’ijambo ry’ubuhanuzi Kuko ingaburo y’imitima y’abera Yaramaze kuboneka mu maraso ya Yesu Uwuyozemwo wese ab’icaremwe gisha {Nureme mwene data ushishikare gusenga.
Refrain
Ibizimiza benshi, vyamaze kurwirirana Inyigisho z’amadini, zamaze kurwirirana Uburyarya bwo mw’isi, bwamaze kurwirirana Ubwicanyi bwo mw’isi, bwamaze kurwirirana Ubusambanyi bwo mw’isi, bwamaze kurwirirana, {Ntuhagarikwe nuko bihagaz’imbere yawe Izer’umwami Yesu ushishikare gusenga.} x2
Couplet 3
Shengero rya Yesu ca bugufi mube maso Domek’itara ryawe wumire kuc’ufise Igihe co gutaha kiri hafi yogushika Uwakoze mu kuri agererw’ingero yiwe N’ureme mwene data Yes’agir’avuz’inzamba Maz’abamwiteguriye duce tumusanganira {N’ibindi bibi vyinshi vyamaze kurwirirana.} x2