#746
Uhoraho wavuz’ijambo
Umuco 2
Couplet 1
Uhoraho wavuz’ijambo rimwe Ng’umuc’ubeho n’umwiz’ubeho Warongeye kand’uvug’irind’ijambo Utandukany’ivy’Umwiza n’ivy’Umuco.
Refrain
{N’ubu Mwami ngwino wonger’uvuge Ivy’umwiza bihunge mw’ihanga ryawe Hagaragare ibikorwa vy’umuco Nka bimwe intumwa zawe zagendeyemwo.} x2
Couplet 2
Eh’umwiza ugiye kumirwa n’umuco Ijambo ryama ribihanura kenshi Abumvira bose bagaca bugufi Kubatumvira bakabifat’ibisanzwe.
Refrain
{N’ibihe vyo kuba maso bene data Abumvir’ijambo bamana n’umuco Kubatumvir’ Ijambo bahung’umuco Mfasha Yesu ngume mw’ijambo ry’umuco.} x2
Couplet 3
Hakenewe ukwizera kuzima Hakenewe ivyizigiro bizima Hakenewe ibikorwa vy’Umuco Bigaragaz’ubuzima bw’uwizeye.
Refrain
{N’igihe c’uko vyose bij’ahabona Ntavy’amajambo menshi bigikenewe Hakenew’ubuzima bushing’intahe Urukundo rwuzure mubizera.} x2
Couplet 4
Eh’ibihe bisubirirwa n’ibindi Abantu benshi bagahindurwa navyo Tweho Mana tugusaba udufashe Kwama duhindurwa n’ir’ijambo ryawe.
Refrain
{Yesu shishikar’uduhindure rwose Utwezesh’ijambo ryawe duse nawe Twitegurir’igitondo gihoraho Ubona Mwami Yesu ko tubibereye.} x2
Couplet 5
Twahanuwe kenshi tubwirwa vyinshi Kuvyerekeye ubu bugingo bwacu Ko dukwiye kwama tububera maso Kurarw’ivy’Ubwami s’ukugend’uko dushaka.
Refrain
{Ni mukenyere bahizi kurugamba Turwany’ivy’umwiza birwany’ubugingo Umwe wese akore afis’umwete Atidoga akor’ibishimish’ Imana.} x2
Couplet 6
Ibihe birahita hakaz’ibindi Muze twisuzume munyifato yacu Duharirane hamwe na bene data Aho Imana nayo izoduharira.
Refrain
{Duhinduke mu ngendo no mu bikorwa Mu vyiyumviro no muvyipfuzo bibi Duhindure cane no muvyo tuvuga Tuvuge dushing’intahe z’ivy’ubwami.} x2
Couplet 7
Mwami Yesu wakoze ibikomeye Hagati mw’ihanga bitangaza benshi Abari mu mwiza ntibabibona Werekany’urufatiro rw’ishengero.} x2
Refrain
{Mw’ishengero werekanye ukuri Kw’ariko nkinzo y’agakiza kacu Wiyerekanye wewe MwamiYesu K’uri Alufa Omeg’Iman’Ihoraho.} x2
Couplet 8
Twiteguriye bene data kugenda Aho bakundwa twabwiwe n’Umukiza Yuko twitegurira kuja kuhaba Tuvyizere kandi twitunganye rwose.
Refrain
{Twitegure twese twuzur’urukundo Twuzur’ubumwe dusangir’ijambo Ataburyarya atakwishushanya Twuzure Mpwemu Yera twamane n’Umuco.} x2