#743
Imana yacu Imana y’urukundo
Umuco 2
Couplet 1
Imana yacu Imana y’Urukundo N’uz’udufashe mur’ur’urugendo Kukw’imisi itera iba mibi None Mwami n’uzubane natwe.
Refrain
Raba Mwami ibihe birihuta Kuko vuba tugiye gutahuka None Yesu fash’ishengero ryawe Kuko vuba ugiye kwimbura.
Couplet 2
Abasavyi bawe barara maso Basabira ishengero ryawe Kugirango urishitse ku kwezwa Mwami Yesu n’uz’ubane natwe.
Refrain
Raba Mwami ibihe birihuta Kuko vuba tugiye gutahuka None Yesu fash’ishengero ryawe Kuko vuba ugiye kwimbura.
Couplet 3
Bene data dukwiye kwitegura Kugirango Imana ibane natwe Mu bikorwa dukorera mw’iyi si Tubikore kandi turi maso kugusanganira.
Refrain
Raba Mwami Yes’igihe turimwo Kiragoye kuri twebw’abana bawe N’udufashe kunesha isi y’ubu Twibere mu buzima bw’impwemu.
Refrain
Raba Mwami ibihe birihuta Kuko vuba tugiye gutahuka None Yesu fash’ishengero ryawe Kuko vuba ugiye kwimbura.
Couplet 4
Ishengero ririko ryitegura Gutandukana n’ayandi mahanga None Mwami n’uz’ubane natwe Kugirango twitegure neza.
Refrain
Mwami Yesu fash’ishengero ryawe Kukw’intango ntisa n’iherezo N’untunganye jew’umugeni wawe Ko ndi hafi.
Couplet 5
Rab’igikorwa gishitse kw’iherezo Yesu Mwami n’uz’utandukanye Abana bawe n’ aba wa Murwanizi Kuko vuba ugiye gusarura.
Refrain
Mana yacu umv’ugusenga kwacu Kenshi twama turirir’imbere yawe Tube hafi utwonger’inkomezi Zikwiriye zizotuzamura.
Couplet 6
Nah’umusozi woger’ah’uduga Mukwizera tuzowurengana Gushikaho Yes’uzogarukira Uzosange twamaze kwitunganya.
Refrain
Mana yacu umv’ugusenga kwacu Kenshi twama turirir’imbere yawe Tube hafi utwonger’inkomezi Zikwiriye zizotuzamura.