Indirimbo Zikundwa Open in the app

#739

Ijambo ry’agakiza

Umuco 2

Couplet 1

Ijambo ry’agakiza ryaradushitseko Ukuri k’Umwami Yesu kuri hagati yacu {Mbega bene dat’ ico twotinya n’iki? Tiny’ukutizera kwo kuzan’icaha.} x2

Couplet 2

Ijambo ry’agakiza ryaradushitseko Ukuri k’Umwami Yesu kuri hagati yacu {Mbega bene dat’ ico gukunda n’iki? Kunda ukwizera kuzan’ubugingo.} x2

Couplet 3

Ijambo ry’agakiza ryaradushitseko N’imburi y’Uhoraho yam’idushikako {Mbega bene Data tuzireguz’iki? Ko twagabiwe vyose kubw’ubuntu bwayo.} x2

Couplet 4

Ijambo ry’agakiza ryaradushitseko Mpwemu w’Imana yacu ari kumwe natwe {Mbega mwene Data wotuntuzwa n’iki? Kandi uri kumwe n’ingwati y’Imana.} x2

Couplet 5

Ijambo ry’agakiza ryaradushitseko Ubuhanuzi bw’igihe twarabumenye {Twamenye n’umuhamagaro w’ukuri Udatahurika wa Yesu wenyene.} x2

Couplet 6

None dusigaj’iki ga bene data Naho rer’umwe wese yo kwikebuka {Kugira dusab’Umwami Yesu Kristo Adutandukanye n’ivy’Umurwanizi.} x2