#729
Nowa yabaj’ubwato
Umuco 2
Couplet 1
Nowa yabaj’ubwato mubihe vy’Imana nzima, Arikw’abantu ntibigeze babon’ico gikorwa, Bihamagarira guhona banka kwumvir’imburi, Kand’ubutumwa bw’ico gihe, kwar’ukubaz’ubwato, Ugahez’ukazo kwinjirana na Nowa mu bwato.
Refrain
Es’imburi k’uwatoranijwe Ub’umunezero kuriwe, Es’imburi k’uwizer’Imana, naw’ac’aronka agakiza Imburi k’uwuronder’Imana, agasanganirwa n’Uhoraho Kand’imburi k’uwambaz’Imana, aca atur’umutwaro wiwe {Eh’imburi rero yarashitse, itegur’Umugeni wa Yesu.} x2
Couplet 2
Ibihe vyo kujandajanda raba vyaravyararenganye, Duce bugufitwumvir’imburi maze twiteg’Umukwe, Ijwi ry’ Uhoraho ryama ritwigisha riduhanura, Ngo tuve mu migozi y’Umurwanizi tube maso, Twisuzume yuko duhagaze neza murugendo.
Refrain
Es’imburi k’uwatoranijwe Ub’umunezero kuriwe, Es’imburi k’uwizer’Imana, naw’ac’aronka agakiza Imburi k’uwuronder’Imana, agasanganirwa n’Uhoraho Kand’imburi k’uwambaz’Imana, aca atur’umutwaro wiwe {Eh’imburi rero yarashitse, itegur’Umugeni wa Yesu.} x2
Couplet 3
Eh’ inzira y’Imana bene dat’ikomeza kwaga, Kubadahishurirwa burije ubu ni mw’ijoro, Kubahishurirwa burakeye umuco ni mwinshi, Isuzume k’ ugenda mw’ijoro canke kumurango, Hazoger’ igihe uzobushaka utazobubona, N’ugur’ umut’ usige ku maso ugend’ahabona.
Refrain
Es’imburi k’uwatoranijwe Ub’umunezero kuriwe, Es’imburi k’uwizer’Imana, naw’ac’aronka agakiza Imburi k’uwuronder’Imana, agasanganirwa n’Uhoraho Kand’imburi k’uwambaz’Imana, aca atur’umutwaro wiwe {Eh’imburi rero yarashitse, itegur’Umugeni wa Yesu.} x2
Couplet 4
Niwavyuk’uvyukane na Yesu kandi mwiriranwe, Bwije naho n’umwiyegereze akwihishurire, Mu bikorwa vyawe vya misi yos’umwiyegereze, Azokwigish’ ivy’urugendo rwawe rwo mur’iyi si, Ivyo bizogushikana ku bugingo budashira.