Indirimbo Zikundwa Open in the app

#675

Iyi si jewe ndayigaye

Umuco 2

Couplet 1

Iyi si jewe ndayigaye, Nshaka kwibera mw’Ijuru (ku Mana). Ni co gituma nguma ngavye, Nsimb’ imitego y’Umubi, {Nta ciza kiva kwa Satani, Kuko n’Umwansi w’Ijuru.} x2

Couplet 2

Satan’agararij’Imana, Intambar’ irasekera (mw’Ijuru). Urugamba rukaze cane, uwo Mub’arananirwa, {amanurwa mw’isi y’Umwiza, Kuko yishize hejuru.} x2

Couplet 3

Iyi si jewe ndayigaye, Nshaka kwibera mw’Ijuru (ku Mana). Ibintuma je ndayivamwo, Birihuta kuboneka, {Satani yakorowe mw’isi, N’icaha birazanana.} x2

Couplet 4

Gahini na Abeli bari, Abavukanyi ba mbere (mw’iyi si). Ariko ishari n’igono bivuye ku Mugwanizi, {Bituma Gahini kwicira, Abel’ivyo yashikanye.} x2

Couplet 5

Icaha cagiye gikura, gica no kuri Yozef’(umuhizi). Kivuye kuri ba bigeme ba Loti mu bushakanyi, {Gishika no kuri Dawidi gitandukir’ Amunoni.} x2

Couplet 6

Ingero y’icaha n’urupfu, Tubimenye bene Data (bakundwa). Icatumy’ Iman’Idupfira, Vyatumwe n’Umugwanizi, {Uwo Kristo ntiyabishatse, ko Satan’ aduhonyanga.} x2

Couplet 7

Uwo Satani yinyegeje, Mu bintu bisayangana (biyovya). Ni co gituma biba ngombwa n’Umukiza, {Bintera kuva mu burake, bw’impwemu z’Umugwanizi.} x2

Couplet 8

Impwemu ziza zishushanya, N’ufashe Mwami twese Abana bawe, Tugendan’ ubwenge, ukwirinda n’intsinzi, Nk’uko wamy’ Ubikora, Uhereye mbere.

Couplet 9

Duhunge rero bene Data, Ntidusange twugaranywe (mw’Ijuru). Tugur’ uburyo tubugwiza, Umw’umw’ aronk’ Igitsibo, {Gikwiranye n’ivyo yakoze, Yes’ahimbazwe mw’Ijuru.} x2

Couplet 10

Uhorah’Urutare rwanje, N’Ubuhungiro bushitse (vy’ukuri). N’Umurokozi muri vyose, Ni Wenyene mpungirako, {Ni We nkinzo yanj’Ihebuje, Ankiz’umuryano w’isi.} x2