Indirimbo Zikundwa Open in the app

#666

Uhoraho waragize neza

Umuco 2

Couplet 1

Uhoraho Waragize neza, Mu kumpamagara Unkura mu vyaha, Uranyereka Inzira y’Ukuri, Iri mw’Ijambo Ryawe Mwami Yesu, {Ukansaba kuyikurikira.} x2

Refrain

Ico n’ikintu ntazokwibagirwa, Sinzokwibagira Umusi wanje, Umusi nahuye n’Umukiza Yesu, Akankura mu vyaha narimwo, Sinzokwibagira ico Yankoreye, {Ku Musaraba i Gologota.} x2

Couplet 2

Mu Nzira je nahasanze ivyiza, Kandi nahasanze n’umusaraba, Kuko wa Mugwanizi Satani, Azan’ intambamyi ku Ngenzi zose, {Zica mw’isi zigana mw’Ijuru.} x2

Refrain

Ico n’ikintu ntazokwibagirwa, Sinzokwibagira Umusi wanje, Umusi nahuye n’Umukiza Yesu, Akankura mu vyaha narimwo, Sinzokwibagira ico Yankoreye, {Ku Musaraba i Gologota.} x2

Couplet 3

Ibigeragezo bene Data, Ni vyinshi cane mur’urwo Rugendo, bikaza mu buryo buboneka, ibindi na vyo mu butaboneka, {Ku bw’Ubuntu tugenda tunesha.} x2

Refrain

Ni Wadushoboza tuzoguma, Tukwizigiye Mwami Yesu Kristo, Kukw’ abagiye bakwubaha bose, Nta n’umwe muri bo yamaramaye, Natwe Mukiza Uzodufashe, {Tubandanye Urugendo rwacu.} x2

Couplet 4

Nabony’Umwiza witambits’ imbere y’Uwizera ng’umubuz’ Urugendo, Atakambiye Uhoraho Imana yiwe, Umwiz’ urahunga, {Uhoraho n’Iman’ Itaneshwa.} x2

Refrain

Ni Wadushoboza tuzoguma, Tukwizigiye Mwami Yesu Kristo, Kukw’ abagiye bakwubaha bose, Nta n’umwe muri bo yamaramaye, Natwe Mukiza Uzodufashe, {Tubandanye Urugendo rwacu.} x2

Couplet 5

Yesu Kristo ni We Mana Yonyene Yo Gusengwa, eka nta n’iyindi, Nimuvyumve mwa Bwoko bw’Imana, Kandi mubishire ku mitima yanyu, {Vyame vyibukw’ uk’urunganwe ruje.} x2

Refrain

Tuzobibwira n’abana bacu, Tubimenyesh’ abuzukuru bacu, Kw’Imana Yatabay’ Ihanga Ryayo, Rigeze mu nyigisho z’ibinyoma, Arikuzayo Ukuboko Kwayo, {Ukuboko Kwayo kw’Inkomezi.} x2

Couplet 6

Abizigiye Uhoraho ni Banezerererwe Imana ya Yakobo, Yadutabaye tugeze habi, mu buzimire Iraturokora, {None raba turi bazima.} x2

Refrain

Tuzobibwira n’abana bacu, Tubimenyesh’ abuzukuru bacu, Kw’Imana Yatabay’ Ihanga Ryayo, Rigeze mu nyigisho z’ibinyoma, Arikuzayo Ukuboko Kwayo, {Ukuboko Kwayo kw’Inkomezi.} x2