#657
Abizeye uhoraho
Umuco 2
Couplet 1
Abizeye Uhoraho Bameze nk’umusozi Siyoni, Udashobora kunyiganyiga, Ariko wama ushimangiye, {Kugez’ Ibihe bidashira.} x2
Refrain
Mwami wacu Yesu, Tugushimiye Mana yacu, Wadukuye mu migozi, y’Umwansi Satan’ atwanka.
Couplet 2
Nkukw’imisoz’ikikije, Umugwa wera Yerusalemu, Nik’Uhorah’ Akikij’Abiwe, Uhereye non’ugashitsa, {Ibihe vyose bidashira.} x2
Refrain
Mwami wacu Yesu, Tugushimiye Mana yacu, Wadukuye mu migozi, y’Umwansi Satan’ atwanka.
Couplet 3
Mwami Yesu Mana yacu, Rab’Abawe se bakiboshwe, Eka n’abawe bakiri mw’isi, Bamurikire Umuco Wawe, {Bahindukire bakwizere.} x2
Refrain
Mwami wacu Yesu, Tugushimiye Mana yacu, Wadukuye mu migozi, y’Umwansi Satan’ atwanka.
Couplet 4
Uhoraho Mana yacu, Ni Wew’ur’ Umutabazi wacu, Dufashe kwumvir’ Ijambo ryawe, Duh’agaciro Ijambo ryawe, {Turyambar’ imbere n’inyuma.} x2
Refrain
Mwami wacu Yesu, Tugushimiye Mana yacu, Wadukuye mu migozi, y’Umwansi Satan’ atwanka.
Couplet 5
Hari ikintu kinezereza, N’Urukundo rw’Umwami wacu, Yadupfiriye ku Musaraba, Arapf’ Arahambwa Arazuka, {Azir’ivyaha vyanje nawe.} x2
Refrain
Mwami wacu Yesu, Tugushimiye Mana yacu, Wadukuye mu migozi, y’Umwansi Satan’ atwanka.
Couplet 6
Mwene Data, mushiki wanje, Shima Yesu Yaducunguye, We Yemeye kudupfir’ artyo, Imana Yaratabay’ Abayo, {Icubahiro n’Ica Kristo.} x2
Refrain
Mwami wacu Yesu, Tugushimiye Mana yacu, Wadukuye mu migozi, y’Umwansi Satan’ atwanka.