#648
Isezerano ry’imana ryihutira gushika
Umuco 2
Couplet 1
Isezerano ry’Imana ryihutira gushika vuba, Ukugaruka kw’Umwami wacu Yesu kuregereje.
Refrain
Ibimenyetso vyose vyarashitse, Vyerekana k’umus’ ugir’ushike, {Wo gutaha kw’Umugeni wa Kristo.} x2 {Shengero ry’Imana Twitegure.} x2
Couplet 2
Ibimenyetso vyos’Umwami Yavuze vyarashitse, Abana b’Imana biteguye kwumv’ Inzamba y’Imana.
Refrain
{Nzokwama nkwizigira Mukiza Yesu, Ndizera k’Ur’Ijambo, Ukuri n’Umuco, Ntuziger’ Umaramaz’ Abakwizeye.} x2
Couplet 3
Shengero ry’Imana twihangane mu mitima yacu, Kukw’ Ivyavuzwe vyose bitazoreka kudushikako.
Refrain
{Nzokwama nkwizigira Mukiza Yesu, Ndizera k’Ur’Ijambo, Ukuri n’Umuco, Ntuziger’ Umaramaz’ Abakwizeye.} x2
Couplet 4
Shengero ry’Imana igihe turimwo n’igihe kigoye, Ariko Dusab’ Umwami wacu Yesu, Ni W’Adutsindira.
Refrain
{Nzokwama nkwizigira Mukiza Yesu, Ndizera k’Ur’Ijambo, Ukuri n’Umuco, Ntuziger’ Umaramaz’ Abakwizeye.} x2
Couplet 5
Ntimutezw’ubwoba n’ivyo mubona vyose mu Rugendo, Kuk’Umwami wacu Yesu Yabivuze bitarashika.
Refrain
{Nzokwama nkwizigira Mukiza Yesu, Ndizera k’Ur’Ijambo, Ukuri n’Umuco, Ntuziger’ Umaramaz’ Abakwizeye.} x2
Couplet 6
Shengero ry’Imana ibihe birihuta kurangira, Non’ikidukwiye n’uko twama twiteguye neza.
Refrain
{Nzokwama nkwizigira Mukiza Yesu, Ndizera k’Ur’Ijambo, Ukuri n’Umuco, Ntuziger’ Umaramaz’ Abakwizeye.} x2
Couplet 7
Mugeni wa Yesu, Ikangure wambar’ Impuzu y’Ubukwe, Eh’Umukw’ Araje, bikwiye kw’Asanga witeguye.