#619
Har’igihe tuzokwumv’inzamba
Umuco 2
Couplet 1
Har’igihe tuzokumv’ inzamba, Ihamagarira mu bicu, Shengero we ngwino tugende, Wewe wakoz’ivyo Nishimira.
Refrain
Abizeye bose ni ryo Shengero, Umwami Yes’Akab’ Umwungere; Tuzobona Abera bose, Abari mu bihugu vyose, Abana b’Imana hose barahari.
Couplet 2
Bamenya ko Abera batashe, buzur’ intimba n’amaganya, birukanga baja gusenga, at’ayi we Mana turasigaye.
Refrain
Abizeye bose ni ryo Shengero, Umwami Yes’Akab’ Umwungere; Tuzobona Abera bose, Abari mu bihugu vyose, Abana b’Imana hose barahari.
Couplet 3
Umv’amarir’ asigaye mw’isi, Ku bavyeyi babuz’ abana babo, (A)banyamadini basigaye mw’isi, at’ayi we Mana turasigaye.
Refrain
Abizeye bose ni ryo Shengero, Umwami Yes’Akab’ Umwungere; Tuzobona Abera bose, Abari mu bihugu vyose, Abana b’Imana hose barahari.
Couplet 4
Murabeho Nyamujiryanino, urabeho wishakiy’ amaronko, Mvuze bike sinshaka guhogora, Ariko Yesu Agiy’Ababaye.