Indirimbo Zikundwa Open in the app

#619

Har’igihe tuzokwumv’inzamba

Umuco 2

Couplet 1

Har’igihe tuzokumv’ inzamba, Ihamagarira mu bicu, Shengero we ngwino tugende, Wewe wakoz’ivyo Nishimira.

Refrain

Abizeye bose ni ryo Shengero, Umwami Yes’Akab’ Umwungere; Tuzobona Abera bose, Abari mu bihugu vyose, Abana b’Imana hose barahari.

Couplet 2

Bamenya ko Abera batashe, buzur’ intimba n’amaganya, birukanga baja gusenga, at’ayi we Mana turasigaye.

Refrain

Abizeye bose ni ryo Shengero, Umwami Yes’Akab’ Umwungere; Tuzobona Abera bose, Abari mu bihugu vyose, Abana b’Imana hose barahari.

Couplet 3

Umv’amarir’ asigaye mw’isi, Ku bavyeyi babuz’ abana babo, (A)banyamadini basigaye mw’isi, at’ayi we Mana turasigaye.

Refrain

Abizeye bose ni ryo Shengero, Umwami Yes’Akab’ Umwungere; Tuzobona Abera bose, Abari mu bihugu vyose, Abana b’Imana hose barahari.

Couplet 4

Murabeho Nyamujiryanino, urabeho wishakiy’ amaronko, Mvuze bike sinshaka guhogora, Ariko Yesu Agiy’Ababaye.