#613
Ewe Mwami w’ijuru n’isi
Umuco 2
Couplet 1
Ewe Mwami w’Ijuru n’isi, Turagusavy’ Utwuzuz’ Ijambo; {Kukw’ Ijambo ryawe Mwami, Ritubera Ubuhungiro.} x2
Refrain
Suka Mpwemu hagati yacu, Ab’ari W’agaragara, {Hagati y’iri Hanga ryawe, Yesu Watoranije.} x2
Couplet 2
Ewe Mwami mur’uru Rugendo, Turagusavye ng’Uduh’ Ubwenge, {Tumenye neza ico dukwiye, Kugukorera kigushimisha.} x2
Refrain
Suka Mpwemu hagati yacu, Ab’ari W’agaragara, {Hagati y’iri Hanga ryawe, Yesu Watoranije.} x2
Couplet 3
Erega Yesu n’utube hafi, Mu bihe vyose Uducishamwo, {Tw’Abana bawe n’Utuzigame, Mu Ngamba zose z’uku Kwizera.} x2
Refrain
Suka Mpwemu hagati yacu, Ab’ari W’agaragara, {Hagati y’iri Hanga ryawe, Yesu Watoranije.} x2
Couplet 4
Ew’Uhoraho turazi neza, K’uz’ivy’ intango n’ivy’iherezo, {Non’Uhoraho shits’Ukugomba, Ushigikir’ Igikorwa cawe.} x2
Refrain
Suka Mpwemu hagati yacu, Ab’ari W’agaragara, {Hagati y’iri Hanga ryawe, Yesu Watoranije.} x2
Couplet 5
Raba ko Yesu hageze yuko, Ivyo Wavuze bishika vyose, {None ga Mwam’ico tugusaba, Uduhe twese kwama tugavye.} x2
Refrain
Suka Mpwemu hagati yacu, Ab’ari W’agaragara, {Hagati y’iri Hanga ryawe, Yesu Watoranije.} x2
Couplet 6
Bene Data bakundwa mwese, Mu bihe nk’ibi nitube maso, {Duhang’ amaso ku Mwami Yesu, Kukw’ari We Atuzigama.} x2
Refrain
Suka Mpwemu hagati yacu, Ab’ari W’agaragara, {Hagati y’iri Hanga ryawe, Yesu Watoranije.} x2
Couplet 7
Mbega iyi si y’imibabaro, Uhoraho, nzoyivamwo gute? {Nta wundi mfise nohungirako, N’Umwami Yesu We Buhungiro.} x2