#594
Shengero waguzw’amaraso
Umuco 2
Couplet 1
Shengero waguzw’ Amaraso ya Kristo, Enda n’ubarirwe kand’uheze wumve; Izina rya Yesu Kristo ntirihinduka, Kiretse wiciriye izindi nzira.
Refrain
Haleluya Mwami Yesu n’Uhimbazwe! Tugushime ni Wewe Nyen’Ubereye.
Couplet 2
Twes’ababatijwe mw’Izina rya Kristo, Twizera ko Mpwemu Yera twamuronse; Yaje ku bamwizera mu Kuri bose, Abo n’abagendera mw’Ijambo ryiwe.
Refrain
Haleluya Mwami Yesu n’Uhimbazwe! Tugushime ni Wewe Nyen’Ubereye.
Couplet 3
Yesu Kristo tubabwira bene Data, N’Umwe Yabambw’ Agapfa-Akazuka; Ni Wa wundi Yesu Kristo w’i Nazareti, Uwo ni We Wenyene Adahinduka.
Refrain
Haleluya Mwami Yesu n’Uhimbazwe! Tugushime ni Wewe Nyen’Ubereye.
Couplet 4
Uko yar’ari ejo nikw’ akiri n’ubu, Kugeza ibihe bitazoshira; Uwo niwe Yesu Kristo w’i Nazareti, Uwo ni We Wenyene adahinduka.
Refrain
Haleluya Mwami Yesu n’Uhimbazwe! Tugushime ni Wewe Nyen’Ubereye.
Couplet 5
Ni We Buye mwebw’ abubatsi mwagaye, Kandi Ryahinduts’ Irigumy’ Imfuruka; Kandi nta wund’ Agakiza kabonerwamwo, Kukw’ata rindi Zina dukirizwamwo.
Refrain
Haleluya Mwami Yesu n’Uhimbazwe! Tugushime ni Wewe Nyen’Ubereye.
Couplet 6
Yesu Yambay’ umubiri rimwe gusa, Azogaruk’aje gutwar’ Abizeye; Ehe nguy’Araz’ Azananye n’ibicu, kand’ijisho ryose rizomwibonera.
Refrain
Haleluya Mwami Yesu n’Uhimbazwe! Tugushime ni Wewe Nyen’Ubereye.
Couplet 7
Urahiriwe mwene Data mukundwa, utihakanye Shobuja Yakwiguze;
Couplet 8
Wamushingiye intah’ ukiri kw’isi, Azogushingir’ intahe uri mw’Ijuru.
Refrain
Haleluya Mwami Yesu n’Uhimbazwe! Tugushime ni Wewe Nyen’Ubereye.
Couplet 9
Shimwa Mwami Yesu Kristo, Haleluya! Wadukuye habi cane Mucunguzi; Si ku bw’inkomezi zacu habe namba, Ariko n’Ubuntu bwawe buhoraho.
Refrain
Haleluya Mwami Yesu n’Uhimbazwe! Tugushime ni Wewe Nyen’Ubereye.
Couplet 10
Udufashe Mukiza tugushimishe, Kuko twambaye Izina ry’Uwanesheje; Izina rya Yesu Kristo ntirihinduka, Kiretse wiciriye izindi nzira.
Refrain
Haleluya Mwami Yesu n’Uhimbazwe! Tugushime ni Wewe Nyen’Ubereye.
Couplet 11
Tuzokuririmbira Mukiza mwiza, Tugutazire mw’isi no mw’Ijuru; Kuko tuzi k’ur’Imana Idahinduka, Kandi k’ur’Imana Itivuguruza.
Refrain
Haleluya Mwami Yesu n’Uhimbazwe! Tugushime ni Wewe Nyen’Ubereye.
Couplet 12
Tuzokwama tugushimira Mukiza, Ivyaremwe vyose vyature yuko: Yesu Kristo ari We Mana Ihoraho, Tanguriro n’Iherez’ Ibihe vyose.
Refrain
Haleluya Mwami Yesu n’Uhimbazwe! Tugushime ni Wewe Nyen’Ubereye.