Indirimbo Zikundwa Open in the app

#594

Shengero waguzw’amaraso

Umuco 2

Couplet 1

Shengero waguzw’ Amaraso ya Kristo, Enda n’ubarirwe kand’uheze wumve; Izina rya Yesu Kristo ntirihinduka, Kiretse wiciriye izindi nzira.

Refrain

Haleluya Mwami Yesu n’Uhimbazwe! Tugushime ni Wewe Nyen’Ubereye.

Couplet 2

Twes’ababatijwe mw’Izina rya Kristo, Twizera ko Mpwemu Yera twamuronse; Yaje ku bamwizera mu Kuri bose, Abo n’abagendera mw’Ijambo ryiwe.

Refrain

Haleluya Mwami Yesu n’Uhimbazwe! Tugushime ni Wewe Nyen’Ubereye.

Couplet 3

Yesu Kristo tubabwira bene Data, N’Umwe Yabambw’ Agapfa-Akazuka; Ni Wa wundi Yesu Kristo w’i Nazareti, Uwo ni We Wenyene Adahinduka.

Refrain

Haleluya Mwami Yesu n’Uhimbazwe! Tugushime ni Wewe Nyen’Ubereye.

Couplet 4

Uko yar’ari ejo nikw’ akiri n’ubu, Kugeza ibihe bitazoshira; Uwo niwe Yesu Kristo w’i Nazareti, Uwo ni We Wenyene adahinduka.

Refrain

Haleluya Mwami Yesu n’Uhimbazwe! Tugushime ni Wewe Nyen’Ubereye.

Couplet 5

Ni We Buye mwebw’ abubatsi mwagaye, Kandi Ryahinduts’ Irigumy’ Imfuruka; Kandi nta wund’ Agakiza kabonerwamwo, Kukw’ata rindi Zina dukirizwamwo.

Refrain

Haleluya Mwami Yesu n’Uhimbazwe! Tugushime ni Wewe Nyen’Ubereye.

Couplet 6

Yesu Yambay’ umubiri rimwe gusa, Azogaruk’aje gutwar’ Abizeye; Ehe nguy’Araz’ Azananye n’ibicu, kand’ijisho ryose rizomwibonera.

Refrain

Haleluya Mwami Yesu n’Uhimbazwe! Tugushime ni Wewe Nyen’Ubereye.

Couplet 7

Urahiriwe mwene Data mukundwa, utihakanye Shobuja Yakwiguze;

Couplet 8

Wamushingiye intah’ ukiri kw’isi, Azogushingir’ intahe uri mw’Ijuru.

Refrain

Haleluya Mwami Yesu n’Uhimbazwe! Tugushime ni Wewe Nyen’Ubereye.

Couplet 9

Shimwa Mwami Yesu Kristo, Haleluya! Wadukuye habi cane Mucunguzi; Si ku bw’inkomezi zacu habe namba, Ariko n’Ubuntu bwawe buhoraho.

Refrain

Haleluya Mwami Yesu n’Uhimbazwe! Tugushime ni Wewe Nyen’Ubereye.

Couplet 10

Udufashe Mukiza tugushimishe, Kuko twambaye Izina ry’Uwanesheje; Izina rya Yesu Kristo ntirihinduka, Kiretse wiciriye izindi nzira.

Refrain

Haleluya Mwami Yesu n’Uhimbazwe! Tugushime ni Wewe Nyen’Ubereye.

Couplet 11

Tuzokuririmbira Mukiza mwiza, Tugutazire mw’isi no mw’Ijuru; Kuko tuzi k’ur’Imana Idahinduka, Kandi k’ur’Imana Itivuguruza.

Refrain

Haleluya Mwami Yesu n’Uhimbazwe! Tugushime ni Wewe Nyen’Ubereye.

Couplet 12

Tuzokwama tugushimira Mukiza, Ivyaremwe vyose vyature yuko: Yesu Kristo ari We Mana Ihoraho, Tanguriro n’Iherez’ Ibihe vyose.

Refrain

Haleluya Mwami Yesu n’Uhimbazwe! Tugushime ni Wewe Nyen’Ubereye.