#592
Nta kindi kiyobor’abana b’imana
Umuco 2
Couplet 1
Nta kindi kiyobor’ abana b’Imana Nzima, Ngo bashik’i Siyon’atari uguhishurirwa. S’ibikorwa vyiza cank’ ingeso nziza n’ibindi; Nay’ikibaranga kw’isi n’Urukundo rw’Imana, Rwatewe mu mitima yabo rukabagir’umwe.
Refrain
{Mana, mpa kuguma mw’Ijambo ryawe, Kugira ngo simpushe Ubugingo.} x2
Couplet 2
Ntivyumvikana namba, ingen’ umuntu buntu yagaburiw’ imitangatanga, yoshobora gutahur’ Inzira za kera z’Iman’Ihoraho. Kiretse yogejwe n’Amaraso ya Yesu Kristo, Nabwo n’Ubuntu n’Imbabazi bitangwa n’Imana.
Refrain
{Mana, mpa kuguma mw’Ijambo ryawe, Kugira ngo simpushe Ubugingo.} x2
Couplet 3
Abera b’Imana bakizwa n’uguca bugufi, iyo bamenets’ imitima baraharirwa, iyo badakekeranije barishurwa vuba. Iyo batanangiriy’ imitima barakira, Bizey’ Umucunguz’ umwe bararonk’ Ubugingo.
Refrain
{Mana, mpa kuguma mw’Ijambo ryawe, Kugira ngo simpushe Ubugingo.} x2
Couplet 4
Mbeg’ur’Umukristo ki wew’utemangir’ukuri? Ikinyoma n’Ukuri ntivyigeze bicudika. Yesu-Kristo-Jambo ni We Akwiriye gusengwa. Ni nde yogereranywa n’Iyaremy’isi n’ijuru? N’unyishure wa muntu we w’inyama n’amaraso.
Refrain
{Mana, mpa kuguma mw’Ijambo ryawe, Kugira ngo simpushe Ubugingo.} x2
Couplet 5
Kamenyi wigiz’umuhinga bifatiye ku ki? Ko nzi yukw’ Iman’ari Yo Nyen’ibitangaza. Mbe n’igitangaza ki cotuma wigir’Imana? Ntuzi k’umushumba yam’ akor’ ivyo yatumwe n’Umwami, naw’Akagum’ ar’Umwam’ Ibihe vyose.
Refrain
{Mana, mpa kuguma mw’Ijambo ryawe, Kugira ngo simpushe Ubugingo.} x2
Couplet 6
Ewe ga Mwami wacu Yesu Krist’Uri mw’Ijuru, Izina ryawe niryubahw’ubu n’ibihe vyose. Waraduciriy’ icanzo tubona gukira, Inyigisho z’ibinyoma zaje gutitur’ Ukuri; Iyo hatari kub’Ubuntu twari gupfa rubi.
Refrain
{Mana, mpa kuguma mw’Ijambo ryawe, Kugira ngo simpushe Ubugingo.} x2
Couplet 7
Reka ndirimbe nsubire mpimbaz’ Umwami wanje, Kukw’aho Yankuye ni nde wundi yohankuye? Ubu Antikristo nta bubash’ Akinfiseko; Urukundo ntangere rw’Imana rumir’ Urupfu, Ikinyoma kinesheshw’ Ukuri kwose kw’Ijambo.
Refrain
{Mana, mpa kuguma mw’Ijambo ryawe, Kugira ngo simpushe Ubugingo.} x2