Indirimbo Zikundwa Open in the app

#590

Abana b’imana ni bo bakigumije iyi si

Umuco 2

Couplet 1

Abana b’Imana ni bo bakigumije iyi si, Ni bamara kuyivamwo izoca ibon’ibara. Yesu ariko aratunganya Ikibanza c’Umugeni, Amujane ata gasembwa, Eka ata n’injebejebe.

Refrain

Tuzoba dukize ya mibabaro y’isi, Dutambe dutarike turi kumwe na Yesu. Tuzoririmba “Haleluya Mwami”, Turi kumwe n’Abera bavuye mu mpande z’isi.

Couplet 2

Dushitse mu gihe co kwemangir’ico Wakiriye, Mwene Data wiyubare ntutwarw’ Igitsibo cawe. Hagiye kuzobonek’ abemangir’ Umwami Yesu, hazoba n’abandi bamwihakana ngo “Sindamuzi”.

Refrain

Tuzoba dukize ya mibabaro y’isi, Dutambe dutarike turi kumwe na Yesu. Tuzoririmba “Haleluya Mwami”, Turi kumwe n’Abera bavuye mu mpande z’isi.

Couplet 3

Yesu Yabwiye Peter’ati: “Satani yabasavye ngw’abagosore nk’ingano, ariko nagusengeye ng’Ukwizera kwawe Simoni ntiguhave guhera; Ni wamara guhinduka naw’uremeshe bene So.

Refrain

Tuzoba dukize ya mibabaro y’isi, Dutambe dutarike turi kumwe na Yesu. Tuzoririmba “Haleluya Mwami”, Turi kumwe n’Abera bavuye mu mpande z’isi.

Couplet 4

Twinjiye mu mibabaro, twizey’Iya Daniyeli, Shaduraki na Meshaki n’abandi bahizi bose. Yadusezeraniye ni twajanwa mu baganza, ngo ntituze twiganyire, Mpwemu Yer’Azivugira.

Refrain

Tuzoba dukize ya mibabaro y’isi, Dutambe dutarike turi kumwe na Yesu. Tuzoririmba “Haleluya Mwami”, Turi kumwe n’Abera bavuye mu mpande z’isi.

Couplet 5

Twinjiye mu bihe vyiza aho twavuzweko vyinshi, bakadushinyagurira, ndetse bakanadutwenga. Tugende tumwemangira dushike ku Musaraba, Aho Yesu Yavugiye ngo: “Vyose birarangiye”.

Refrain

Tuzoba dukize ya mibabaro y’isi, Dutambe dutarike turi kumwe na Yesu. Tuzoririmba “Haleluya Mwami”, Turi kumwe n’Abera bavuye mu mpande z’isi.

Couplet 6

Itegurwa ry’Umugeni rimushitsa mu Kwizera, Ni h’aronker’ Ububasha bumushikana mw’Ijuru. Ibigeragezo bihereye mu b’inzu y’Abizera, Mbeg’ abanyavyaha bobo iherezo rizob’irihe?

Refrain

Tuzoba dukize ya mibabaro y’isi, Dutambe dutarike turi kumwe na Yesu. Tuzoririmba “Haleluya Mwami”, Turi kumwe n’Abera bavuye mu mpande z’isi.

Couplet 7

Yes’Ashits’i Getsemane Yabwiye Abigishwa biwe, Ati: “Nimusenge cane ntimuje mu mosha mabi. Nimube maso musenge ntimuje mu mosha mabi; Umutima niw’ukunz’ umubiri ufis’intege nke”.

Refrain

Tuzoba dukize ya mibabaro y’isi, Dutambe dutarike turi kumwe na Yesu. Tuzoririmba “Haleluya Mwami”, Turi kumwe n’Abera bavuye mu mpande z’isi.

Couplet 8

Bene Data muri ngaha mukurikiye umuntu, Kurikir’ Umwami Yesu ni We Nzir’itazimiza. Nimuduge ku musozi ni ho, muzumvir’ Inzamba; Nimuze rero tugende mukiz’ Ubugingo bwanyu.

Refrain

Tuzoba dukize ya mibabaro y’isi, Dutambe dutarike turi kumwe na Yesu. Tuzoririmba “Haleluya Mwami”, Turi kumwe n’Abera bavuye mu mpande z’isi.

Couplet 9

Dawidi uyo musozi nawe yarawuciyeko, agwanywa n’umwana wiwe, atukwa n’umunt’ asanzwe. Ni wadug’uyo musozi ntushake ko wigwanira; Ntushake ko wiregura, h’ubugingo bwawe Yesu.

Refrain

Tuzoba dukize ya mibabaro y’isi, Dutambe dutarike turi kumwe na Yesu. Tuzoririmba “Haleluya Mwami”, Turi kumwe n’Abera bavuye mu mpande z’isi.

Couplet 10

Yemwe abataye Yesu mugakurikir’ umuntu, hindukir’ urabe Yesu, ni We Yakubambiwe. Reka ntiwemere kandi kumubamb’ubwa kabiri; Ububasha n’ubushobozi vyose biri muri We.

Refrain

Tuzoba dukize ya mibabaro y’isi, Dutambe dutarike turi kumwe na Yesu. Tuzoririmba “Haleluya Mwami”, Turi kumwe n’Abera bavuye mu mpande z’isi.

Couplet 11

Ibigeragezo ntibizobura kubashikako, Hahirwa uwihangana agashitsa kw’iherezo, azokwambikw’ Igitsibo n’Umwam’ Iman’ Ihoraho; Azohanagurwa amosozi yaririye mw’iyi si.