#523
Imana n’ishimwe cane
Umuco 2
Couplet 1
Imana n’Ishimwe cane, kuko tutizeye inyuguti, tutizey’ amajambo, tutizey’ imigani; Ariko twizeye Ijambo ry’Ukuri, Ritang’ Ubugingo ku baryizera, Ivyizigiro n’amahoro.
Refrain
Iryo ryar’ibanga ryahanuwe, kuva kera n’abahanuzi b’Imana; Ryahishuriwe abizera, kukw’ar’ Ibanga ry’Agakiza kacu.
Couplet 2
Imana n’Ishimwe kuko Yemeye guca bugufi cane, Ikiyambura Icubahiro cayo, Ikaza mw’isi, Ikambara umubiri, Ikabana n’abantu bayo; Ntitwayikunze, Yo Yaradukunze.
Refrain
Iryo ryar’ibanga ryahanuwe, kuva kera n’abahanuzi b’Imana; Ryahishuriwe abizera, kukw’ar’ Ibanga ry’Agakiza kacu.
Couplet 3
Yarabahariy’ivyaha, Kandi Ikanabakiza, Ikazur’ abapfuye, ariko ntibizeye. Gushika n’ubu, abantu ntibamenye yuko Yesu Kristo ari We Mana, Yamyeho, Iriho, kandi Izohoraho.
Refrain
Iryo ryar’ibanga ryahanuwe, kuva kera n’abahanuzi b’Imana; Ryahishuriwe abizera, kukw’ar’ Ibanga ry’Agakiza kacu.
Couplet 4
Yesu ni We Mana yacu, Yesu ni We Gakiza kacu; Kumwizera bisaba guhishurirw’iryo banga, ukakira Mpwemu Yera muri wewe, ukaronk’ ubushobozi bwayo bwo kunesh’iyi si n’ivyayo vyose.
Refrain
Iryo ryar’ibanga ryahanuwe, kuva kera n’abahanuzi b’Imana; Ryahishuriwe abizera, kukw’ar’ Ibanga ry’Agakiza kacu.
Couplet 5
Imana Yaratwiyeretse mw’Ijambo ryayo bene Data, Yaje nk’Urukundo, Inkunda nd’umunyavyaha, nk’Umucunguzi Iraducungura; Tuva mu bapfuye, turonk’ Agakiza, non’Imana yacu n’iyo gushimwa.
Refrain
Iryo ryar’ibanga ryahanuwe, kuva kera n’abahanuzi b’Imana; Ryahishuriwe abizera, kukw’ar’ Ibanga ry’Agakiza kacu.
Couplet 6
Twebw’abanyamahanga, twakijijwe ku bw’Ubuntu bwayo. Eka ntivyavuye ku kugomba kwacu, canke ku bikorwa twoba twarakoze; Ni ku bw’Umusaraba wa Yesu, Yemeye kutwitangirirako.