#498
Imana ni yo nzohora ndindiriye
Umuco 2
Couplet 1
Imana niyo nzohora ndindiriye muri vyose, kugira ngo Ihor’Imfasha mu Rugendo rwanje.
Refrain
{Uzohor’Unyerek’inzira Mana, kandi Mwami wanje.} x2 {Irushirizaho kuba nziza, kugira ngo nshobore kugenda nguhimbara Mana, kandi Mwami wanje.} x2
Couplet 2
Imana nzoyizigira, nkiriho mur’iyi si, kukw’ata handi nabonye, har’Uburuhukiro.
Refrain
{Uzohor’Unyerek’inzira Mana, kandi Mwami wanje.} x2 {Irushirizaho kuba nziza, kugira ngo nshobore kugenda nguhimbara Mana, kandi Mwami wanje.} x2
Couplet 3
Ni Yo Yanyihishuriye, Inkura mu Mwiza w’iyi si, Inyerek’ Inzira y’Ukuri, n’ubu ni yo ntumbereye.
Refrain
{Uzohor’Unyerek’inzira Mana, kandi Mwami wanje.} x2 {Irushirizaho kuba nziza, kugira ngo nshobore kugenda nguhimbara Mana, kandi Mwami wanje.} x2
Couplet 4
Harihw’ibingora mu Nzira, Vyipfuza kumbuz’ Urugendo, Ariko nzi yuko Yesu Yanesheje ku bwanje.
Refrain
{Uzohor’Unyerek’inzira Mana, kandi Mwami wanje.} x2 {Irushirizaho kuba nziza, kugira ngo nshobore kugenda nguhimbara Mana, kandi Mwami wanje.} x2
Couplet 5
Nzokwama nizigiy’ Umwami, Kuko ni We Yancunguye, Nzi yukw’ Atazompemukira, kuko yam’ar’ Umwizigirwa.
Refrain
{Uzohor’Unyerek’inzira Mana, kandi Mwami wanje.} x2 {Irushirizaho kuba nziza, kugira ngo nshobore kugenda nguhimbara Mana, kandi Mwami wanje.} x2
Couplet 6
Non’ubu ndindiriye gusa Gusanganir’ Umwami Yesu, kukw’ igihe ni cagera, Azoza kuntahukana.