#479
Bene data muri ngaha
Umuco 2
Couplet 1
Bene Data muri ngaha, mwakiriye Agakiza, Iki gihe tugezemwo, n’ico kwikangura.
Refrain
Hahirw’uwihangana agashitsa Igihe Yes’Azogaruka, Azoronk’ Ubugingo n’Amahoro, Azobana na Yesu.
Couplet 2
Bazobahama, bazobatuka, mbere bazonabica. Ariko gikuru: twihangane, dukovye mu gusenga.
Refrain
Hahirw’uwihangana agashitsa Igihe Yes’Azogaruka, Azoronk’ Ubugingo n’Amahoro, Azobana na Yesu.
Couplet 3
Indyarya zarashitse, n’ibinyoma vyarashitse, Ijambo ry’Uhoraho, barivuga ukundi.
Refrain
Hahirw’uwihangana agashitsa Igihe Yes’Azogaruka, Azoronk’ Ubugingo n’Amahoro, Azobana na Yesu.
Couplet 4
Nimusome mu gitabo c’Ivyahishuriwe Yohana, Igihimba ca mirongwibiri na kabiri, duhere ku murongo wa cumi n’umunani; Muzahasang’ ingero y’abavug’ ibinyoma.
Refrain
Dukovye mu gusenga cane, dusab’Imana yacu Idufashe, mu Kunesha Satani n’ivyiwe vyose, Twambare Urukundo.