Indirimbo Zikundwa Open in the app

#473

E’ bagenzi ku musi w’imperuka

Umuco 2

Couplet 1

E’ bagenzi ku munsi w’imperuka, hazob’ amarira n’imibabaro, ku bantu batizey’ Imana Nzima, batazogirirw’ ikigongwe namba.

Refrain

We mugenzi ihan’uyu musi, ko Yes’Ataragaruka guhana Abanyavyaha, bazokwama babazwa imisi yose yo kubaho kwabo.

Couplet 2

Ntuzovuga ngo nari Pasitori - oya, Ntuzovuga ngo nar’umuririmvyi - oya, Ntuzovuga ngo nari diyakoni – namba, Kiretse uvuz’uti: “Narakijijwe”.

Refrain

We mugenzi ihan’uyu musi, ko Yes’Ataragaruka guhana Abanyavyaha, bazokwama babazwa imisi yose yo kubaho kwabo.

Couplet 3

Hanze hazob’ iwawe we murozi, gisuma na wewe wa mwicanyi, aho muzotererwa mw’itanure, ritazigera rizima namba.

Refrain

We mugenzi ihan’uyu musi, ko Yes’Ataragaruka guhana Abanyavyaha, bazokwama babazwa imisi yose yo kubaho kwabo.