#471
Ncuti zanje mu gikorwa c’imana
Umuco 2
Couplet 1
Ncuti zanje mu Gikorwa c’Imana, Twirinde gukora twikoresheje, Kuko nta kindi bizana atari, kubur’ impembo, ukaronk’ Urupfu.
Refrain
{Imana Yera Yam’ari Nzima, Ntikorerwa n’inkomezi zacu, Duce bugufi turek’Ikore.} x2
Couplet 2
Kuva na kera, Imana Yashaka, Abakora bahamagawe na Yo, Kandi bagatoranywa n’Uhoraho, hanyuma bagakora barongowe.
Refrain
{Imana Yera Yam’ari Nzima, Ntikorerwa n’inkomezi zacu, Duce bugufi turek’Ikore.} x2
Couplet 3
Mwibuke na Uz’atum’ukuboko, Isandugu y’Uhorah’ Imana, Kuko yar’abony’ inka zitirimutse, ac’arahwera kuko yiraritse.
Refrain
{Imana Yera Yam’ari Nzima, Ntikorerwa n’inkomezi zacu, Duce bugufi turek’Ikore.} x2
Couplet 4
None bene Dat’Ijambo ry’Imana, Ryama riduhanur’ imisi yose, Ngo nitureke kwama twikoresha, Kukw’Iman’ Ihimbarwa n’uyizera.
Refrain
{Imana Yera Yam’ari Nzima, Ntikorerwa n’inkomezi zacu, Duce bugufi turek’Ikore.} x2
Couplet 5
Ntitugwanire gukor’ ibikorwa, kubw’ icubahiro bituronkesha, Iman’ico Yaduhamagariye, N’ukuyizera na Y’Ikikorera.
Refrain
{Imana Yera Yam’ari Nzima, Ntikorerwa n’inkomezi zacu, Duce bugufi turek’Ikore.} x2
Couplet 6
Bene Data dukomeze gusenga, Kugira ngo ntituze dukore, dukoreshejwe n’imibiri yacu, Ngo bituzanire kuzoranduka.