Indirimbo Zikundwa Open in the app

#464

Umwami yavuze...

Umuco 2

Refrain

[Trad, du Sw., voir Cant. N° 298]

Couplet 1

Umwami Yavuze ngo tugwanye, uyo Satani n’ingabo ziwe, N’Isezerano kw’azoduhunga, Ni ryo twahawe n’Umwami Yesu.

Refrain

{Tuzonesha kandi tuzonesha, Ni twizigir’Ijambo... Tuzotsinda kubw’Imana yacu, Dushike no mw’Ijuru.} x2

Couplet 2

Kand’Umwam’Imana Yavuze ngo, Nitumwegere Wewe nyene, Na We ashobore kutwegera, Kukw’iyo ni yo Ntsinzi yacu.

Refrain

{Vy’ukuri n’Intsinzi, ni yo Ntsinzi, Vy’ukur’ Intsinzi n’iyacu. Tugume mu Kwizera kuzima, Tuzoneshesh’ inkomezi zayo.} x2

Couplet 3

Nimwibuke kandi Abrahamu, hejuru ku musozi Moriya, yarageragejwe cane rwose, Ku bwo Kwizer’ aranesha vyose.

Refrain

{Natwe tuzonesha, tuzonesha, Ni twagumana n’Ijambo, No kuba turi mu Kwizera, Tuzomubon’ Umwami Yesu.} x2