Indirimbo Zikundwa Open in the app

#462

Bibiliya yarambariye

Umuco 2

Couplet 1

Bibiliya yarambariye, Ivyiza bizoba mw’Ijuru, Bizohabwa Abakijijwe, None numva ndahakumbuye.

Refrain

Ndakumbuye... Ndakumbuye, Ndakumbuye Iwacu mw’Ijuru, Iwacu mw’Ijuru ku Mana, Har’Umunezer’ udashira.

Couplet 2

Ico mbabwira mur’iyi si, N’uko namba uyu mubir’ungora, Kuko wama ungerageza, Ariko nzigira mw’Ijuru.

Refrain

Ndakumbuye... Ndakumbuye, Ndakumbuye Iwacu mw’Ijuru, Iwacu mw’Ijuru ku Mana, Har’Umunezer’ udashira.

Couplet 3

Mana yanje, ngwino Umfashe, mu Rugendo rwo kuja mw’Ijuru, Ngomba kuger’i Siyoni, Har’Umunezero udashira.

Refrain

Ndakumbuye... Ndakumbuye, Ndakumbuye Iwacu mw’Ijuru, Iwacu mw’Ijuru ku Mana, Har’Umunezer’ udashira.