#455
Nd’ingenzi ya ker’iyenzera
Umuco 2
Refrain
[Trad. du Fr., voir Cant. N° 443]
Couplet 1
Nd’ingenzi ya ker’iyenzera, nd’ingenzi mur’iyi si mbi, Ariko nzi ko mu yindi Si, nzoronk’ Uburuhukiro.
Refrain
Ndaj’iriya kubona Data, Mpez’imibabaro yanje, ndi ku nkombe ya wa Mugezi, Inzu yanje nzoyibona.
Couplet 2
Ndi hafi guhez’ Urugendo, Numva Wa mus’uri hafi, Urupfu ntabwo nkirutinya, Nzohez’iyi mibabaro.
Refrain
Ndaj’iriya kubona Data, Mpez’imibabaro yanje, ndi ku nkombe ya wa Mugezi, Inzu yanje nzoyibona.
Couplet 3
Ehe mpejej’aya magorwa, Mve no mur’uyu mubiri, Eh’imper’ igeze ku rugi, Iyo twasezeranijwe.
Refrain
Ngiy’iriya mu Bamarayika, Mpez’imibabaro yanje, Aho nzokwama mbon’Umwami, Mushimir’ibihe vyose.
Couplet 4
Nzama mbana n’Umwami Yesu, Nzama mbon’Ubwiza bwiwe,
Couplet 5
Nzama mbona mu Nyonga hiwe, Nzama nshiz’ umubabaro.
Refrain
Ehe kw’ari vyiza kubana na Yesu Yaducunguye, Ehe kw’ari vyiza kubana na Yesu Yatubambiwe.