Indirimbo Zikundwa Open in the app

#453

Muremyi nkunda...

Umuco 2

Couplet 1

Muremyi nkunda vyahebuje, Ivyo Unkorera n’agaheta, Uti: “Ngukunda Urukundo ruhoraho, Niho nkuziganirije Ubwiza bwanje”.

Refrain

Nagushima nte se Muremyi wanje, kuko Wankunze ntarac’akenge? Nakwitur’iki se Muremyi wanje, ko Wantoye ntarac’akenge? Mpa kuba urumuri rw’abashaka, Mpa no kub’umunyu w’abashonje, Maze ngukorer’ ubudasiba, Mpore ngusingiza.

Couplet 2

Wankuye mu busa urandema, Undinda icyago n’Umwansi, Urandera ndakura, ngeza aya magingo.

Refrain

Nagushima nte se Muremyi wanje, kuko Wankunze ntarac’akenge? Nakwitur’iki se Muremyi wanje, ko Wantoye ntarac’akenge? Mpa kuba urumuri rw’abashaka, Mpa no kub’umunyu w’abashonje, Maze ngukorer’ ubudasiba, Mpore ngusingiza.

Couplet 3

Navutse nd’umuja w’icyaha, nsanga woherej’ Umukiza, Uti: “Mwizere”. Ndizer’ubwo mbona Ubugingo.

Refrain

Nagushima nte se Muremyi wanje, kuko Wankunze ntarac’akenge? Nakwitur’iki se Muremyi wanje, ko Wantoye ntarac’akenge? Mpa kuba urumuri rw’abashaka, Mpa no kub’umunyu w’abashonje, Maze ngukorer’ ubudasiba, Mpore ngusingiza.

Couplet 4

Muremyi Wankoreye vyinshi, Na n’ubu Ukinkorera vyinshi, Uti: “Ijisho ryanjye, Rikuriho iteka”.