Indirimbo Zikundwa Open in the app

#434

Hagabire mugeni wa Kristo

Umuco 2

Couplet 1

Hagabire Mugeni wa Kristo, amajw’ ahamagara ni menshi cane, Umviriza neza ijwi ry’Umukwe, {Uwo wizeye umugum’ inyuma.} x2

Refrain

Ni bakubwira kw’ari ku misozi, bakakubwira kw’ari mu bugaragwa, {Ewe Mugeni ntuze ujeyo!} x2 Ni bakubwira kw’ari mu biyaya, bakakubwira kw’ari mu gisagara, {Ewe Mugeni ntuze ujeyo.} x2 {Iyubare Mugeni witunganye, Umukw’ Uzomusanganira mu bicu.} x2

Couplet 2

Teg’ugutwi ivyavugishijwe, Vy’ukuri vyashingiw’ intahe n’Ijambo, Umwami Yesu ntahindagurika, {Ni We Mukwe, umwitege Mugeni.} x2

Refrain

Ni bakubwira kw’ari ku misozi, bakakubwira kw’ari mu bugaragwa, {Ewe Mugeni ntuze ujeyo!} x2 Ni bakubwira kw’ari mu biyaya, bakakubwira kw’ari mu gisagara, {Ewe Mugeni ntuze ujeyo.} x2 {Iyubare Mugeni witunganye, Umukw’ Uzomusanganira mu bicu.} x2

Couplet 3

N’iy’amajwi yoba menshi cane, Mugeni wumviriz’ijwi ry’Umukwe, Wumve kw’ari rya jwi rikwibutsa, {Kugumya rya Jambo ry’Isezerano.} x2

Refrain

Ni bakubwira kw’ari ku misozi, bakakubwira kw’ari mu bugaragwa, {Ewe Mugeni ntuze ujeyo!} x2 Ni bakubwira kw’ari mu biyaya, bakakubwira kw’ari mu gisagara, {Ewe Mugeni ntuze ujeyo.} x2 {Iyubare Mugeni witunganye, Umukw’ Uzomusanganira mu bicu.} x2

Couplet 4

Iyubare Mugeni wa Kristo, Menya ko turi mw’ihiganwa rya nyuma, Rab’ah’ Inzira wayitanguriye, {Gumy’ Urufatiro rw’Itanguriro.} x2

Refrain

Ni bakubwira kw’ari ku misozi, bakakubwira kw’ari mu bugaragwa, {Ewe Mugeni ntuze ujeyo!} x2 Ni bakubwira kw’ari mu biyaya, bakakubwira kw’ari mu gisagara, {Ewe Mugeni ntuze ujeyo.} x2 {Iyubare Mugeni witunganye, Umukw’ Uzomusanganira mu bicu.} x2

Couplet 5

N’iyo hoba ar’umuvugishwa, akavuga ibintu bigashika, akagomba guca iyindi nzira, {Iy’utabwiwe muter’ umugongo.} x2

Refrain

Ni bakubwira kw’ari ku misozi, bakakubwira kw’ari mu bugaragwa, {Ewe Mugeni ntuze ujeyo!} x2 Ni bakubwira kw’ari mu biyaya, bakakubwira kw’ari mu gisagara, {Ewe Mugeni ntuze ujeyo.} x2 {Iyubare Mugeni witunganye, Umukw’ Uzomusanganira mu bicu.} x2

Couplet 6

Umviriza neza Mugeni, N’usom’ Ijambo ni ryo ribivuga, Gusubira mu Vyagezw’ igihimba, {Cumi na gatatu rimw’ ubandanye.} x2