#188
Ni nde yohagarara
Umuco
Couplet 1
Ninde yohagarara adahagaritswe n’Imana? Ninde yogenda atarongowe n’Imana ./.Uhoraho niwe Murongozi nyakuri inkigi yo kwegamira./.
Refrain
Ninde yiteguye, kurwan’ urugamba, rw’igihe canyuma; akameny’ Imana, ku munsi mubi, mu bugingo bwiwe? ./.Uwo niw’ ashinz’ imizi, kuri rwa Rutare, na ya Nkingi y’ukuri./.
Couplet 2
Uhoraho abwira Yeremiya at’ubona iki? Naw’ati mbon’ igiti igiti c’umurinzi ./.Uhoraho niwe Murinzi nyakuri, arind’ Ijambo Ryiwe./.
Refrain
Niw’Azokwigisha, Akugir’ inama mu bugingo bwawe. Uzomeny’ Imana mu bihe bigoye vy’igihe ca nyuma ./.Uzubaka vyukuri kuri rwa rutare soko y’ubugingo./.
Couplet 3
Umuntu yubak’inzu, Uhoraho atubatse, uworind’ igisagara Uhoraho Atarinze ./.Mbega vyomar’iki? Uhoraho niwe Murinzi nyakuri./.
Refrain
Azokurongora, akwuhagir’ imvyiro, mu bugingo bwawe; uzomwizigira, uzonesh’ Umubi, akugerageza./. Ubwo uzoshing’ imizi, kuri rwa rutare, soko y’Ubugingo./.
Couplet 4
Jewe nogenda nte, ntarongowe n’Imana, jewe nokor’iki, ntakoreshejwe n’Imana ./.Mana yanje mfasha je ndongorwe nawe mu nzira y’ukuri./.
Refrain
Niwe nzizigira, niwe nzokorera mu bugingo bwanje ni we Mwami wanje, niwe Mwungere wanje Murongozi nyakuri ./.Undongore Mukiza, je ngendane nawe mu nzira y’Ukuri./.