Indirimbo Zikundwa Open in the app

#180

Duga nawe mwene data

Umuco

Couplet 1

Duga nawe mwene Data usigaye, k’umusozi w’abera Siyoni, urabe kandi witegereze, (Ubone kandi utahure neza) Ivyo wizeye ivy’ari vyo, (Ubone kandi utahure neza) Umwami wawe uw’ari We, (Ubone kandi utahure neza) Amasezerano ay’ari yo, (Ubone kandi utahure neza.)

Refrain

Eh’Abera bashagaje, k’umusozi w’Abera Siyoni, amaso yabo ntagoheka, amatwi yabo yama yiteze kwumva; ijwi ry’inzamba y’iherezo, ryerekana ko vyose bishize, umusi w’agakiza kacu, tuzoba turangije intambara ./.Nguy’ uraje nguy’ uraje, nguy’ uraje Haleluya!./.

Couplet 2

Duga nawe mwene Data, usigaye, k’umusozi w’Abera Siyoni, inzamba y’iherezo itaravuga, (kukw’ izokwumva abari k’umusozi) Ntuz’ umaramarire hagati, (kukw’ izokwumva abari k’umusozi) ntuz’ usange wambaye ubusa, (kukw’ izokwumva abari k’umusozi) iruka nyaruka we mwene Data, (kukw’ izokwumva abari k’umusozi.)

Refrain

Eh’Abera bashagaje, k’umusozi w’Abera Siyoni, amaso yabo ntagoheka, amatwi yabo yama yiteze kwumva; ijwi ry’inzamba y’iherezo, ryerekana ko vyose bishize, umusi w’agakiza kacu, tuzoba turangije intambara ./.Nguy’ uraje nguy’ uraje, nguy’ uraje Haleluya!./.

Couplet 3

Ibimenyetso vyose vyarashitse, vyerekana k’inzamba y’iherezo, igiye kuvuga y’iherezo rya vyose, (Abari hejuru k’umusozi bazoyumva) abishushanya ntibazoyumva, (Abari hejuru k’umusozi bazoyumva) ibinebwe ntibizoyumva, (Abari hejuru k’umusozi bazoyumva) abank’ ukuri ntibazoyumva, (Abari hejuru k’umusozi bazoyumva.)

Refrain

Eh’Abera bashagaje, k’umusozi w’Abera Siyoni, amaso yabo ntagoheka, amatwi yabo yama yiteze kwumva; ijwi ry’inzamba y’iherezo, ryerekana ko vyose bishize, umusi w’agakiza kacu, tuzoba turangije intambara ./.Nguy’ uraje nguy’ uraje, nguy’ uraje Haleluya!./.

Couplet 4

Duga nawe mwene Data usigaye, ubuntu bw’Imana buri hejuru yawe, ibuka umuhamagaro wawe ncuti, (Usanga ko Imana Igukunda) Na niyo yagusezeraniye, (Usanga ko Imana Igukunda) yakujabukije ikiyaga gitukura, (Usanga ko Imana Igukunda) Yakuneshereje Intambara, (Usanga ko Imana Igukunda.)