Indirimbo Zikundwa Open in the app

#178

Nzokwama nishimira cane rwose

Umuco

Couplet 1

Nzokwama nishimira cane rwose, kurongorwa na Mpwemu w’Imana, nzokwama nishimira kugumbirana nawe ./.Nkagendera munsi y’ubushobozi bwiwe./.

Refrain

Uwo Mpwemu atanga umunezero, uwo Mpwemu atanga amahoro, niw’ aduha gukorer’ Imana, niw’ aduha kwitandukanya n’ivyanduye, kuk’ ubushobozi bwiwe bunesh’ umubiri.

Couplet 2

Nzishimira kuba muri we iteka, kuko kuba munsi y’ubushobozi bwiwe, vyic’ubushobozi bwa kameremere ./.Nkijira muvy’Ubwami bw’Imana./.

Refrain

Uwo Mpwemu atanga umunezero, uwo Mpwemu atanga amahoro, niw’ aduha gukorer’ Imana, niw’ aduha kwitandukanya n’ivyanduye, kuk’ ubushobozi bwiwe bunesh’ umubiri.

Couplet 3

Nzishimira guca bugufi rwose, kugira ngo ubwo bushobozi bumbe hejuru, kuko bunyinjiza mu gihuguc’ubwiza ./.Nkinjira muvy’ubwami bw’Imana./.

Refrain

Uwo Mpwemu atanga umunezero, uwo Mpwemu atanga amahoro, niw’ aduha gukorer’ Imana, niw’ aduha kwitandukanya n’ivyanduye, kuk’ ubushobozi bwiwe bunesh’ umubiri.

Couplet 4

Ubwo bushobozi n’umuriro waka, na Mpwemu n’umuriro waka, kuko aho yaritse ntihayoberana ./.Yisangije imvugo n’imigendere./.

Refrain

Uwo Mpwemu atanga umunezero, uwo Mpwemu atanga amahoro, niw’ aduha gukorer’ Imana, niw’ aduha kwitandukanya n’ivyanduye, kuk’ ubushobozi bwiwe bunesh’ umubiri.

Couplet 5

Kubw’uwo Mpwemu indirimbo ziraza, kubw’uwo Mpwemu ubutumwa buravugwa, kubw’uwo Mpwemu humvikana indimi nsha ./.Nico gituma nzishimira kubana naw’ iteka./.