Indirimbo Zikundwa Open in the app

#173

Ijwi ry’ukuvayo

Umuco

Couplet 1

Ijwi ry’Ukuvayo kwa mbere, ryaravuze, risohora abana b’Imana, muri Egiputa; bambutse baja i Kanani, mw’isezerano ryabo, n’ijwi ry’ukuvayo kwa mbere, baja i Kanani.

Refrain

Ijwi ry’ukuvayo kwa mbere, ryari rya Mose muri Egiputa; Ijwi ry’ukuvayo kwa kabiri, ryar’ irya Yesu Kristo ku Musaraba; ijwi ry’ukuvayo kwa gatatu, niry’ umumarayika ku kagoroba ./.Ariwe yegeranya intama, intama, intama z’Imana./.

Couplet 2

Ijwi ry’ukuvayo kwa kabiri, naryo ryara vuze, risohor’abana b’Imana mumategeko; tuva I bupfu twinjira, I buzima, kubw’umuntu umwe gusa, niwe Yesu Kristo.

Refrain

Ijwi ry’ukuvayo kwa mbere, ryari rya Mose muri Egiputa; Ijwi ry’ukuvayo kwa kabiri, ryar’ irya Yesu Kristo ku Musaraba; ijwi ry’ukuvayo kwa gatatu, niry’ umumarayika ku kagoroba ./.Ariwe yegeranya intama, intama, intama z’Imana./.

Couplet 3

Ijwi ry’ukuvayo kwa gatatu, ryaravuze, risohora abana b’Imana, i Babuloni; tuva mu bupfu bw’iki gihe, bw’abana b’abantu turonk’ Ijambo rizima, ry’igihe cacu.

Refrain

Ijwi ry’ukuvayo kwa mbere, ryari rya Mose muri Egiputa; Ijwi ry’ukuvayo kwa kabiri, ryar’ irya Yesu Kristo ku Musaraba; ijwi ry’ukuvayo kwa gatatu, niry’ umumarayika ku kagoroba ./.Ariwe yegeranya intama, intama, intama z’Imana./.

Couplet 4

Iryo n’ijwi ry’Agakiza kacu, mur’iki gihe kibi, risemerera rit’eh’ Umukwe nguyo Araje; abiyeza mwese nimwiyeze, mwambar’ Impuzu zera, mwitegurire Ubukwe, bw’ Umwami Yesu.

Refrain

Ijwi ry’ukuvayo kwa mbere, ryari rya Mose muri Egiputa; Ijwi ry’ukuvayo kwa kabiri, ryar’ irya Yesu Kristo ku Musaraba; ijwi ry’ukuvayo kwa gatatu, niry’ umumarayika ku kagoroba ./.Ariwe yegeranya intama, intama, intama z’Imana./.

Couplet 5

Iryo n’ijwi ryo kudukangura, ngo tube maso, kuko tutazi igihe, Umukwe Azozira none uwumva niyumve, ijwi ry’umumrayika, kuko igihe c’amateka, kigiye kuza.