Indirimbo Zikundwa Open in the app

#151

Izamurwa ry’umugeni

Umuco

Couplet 1

Izamurwa ry’Umugeni riri hafi gushika; Ishengero ry’Umukiza riri hafi kuzamurwa ./.Ivyerekana ko rigira rishike n’ibimenyetso yavuze./.

Refrain

Ubushizi bw’isoni, ubusambanyi n’ubushakanyi, ukwikunda gusa, n’ugukunda amahera, abirarira abibona, abatumvira abavyeyi, abanegura ivy’Imana, badakunda n’ababo, barementanya batigarura, bakunda ibibahimbara ./.Bakabirutish’ Imana./.

Couplet 2

Izamurwa ry’Umugeni riri hafi gushika; ibimenyetso vyose vyihutira gushika ./.Nivyo vyerekana yuko, hakenewe ibindi bisha./.

Refrain

Ubushizi bw’isoni, ubusambanyi n’ubushakanyi, ukwikunda gusa, n’ugukunda amahera, abirarira abibona, abatumvira abavyeyi, abanegura ivy’Imana, badakunda n’ababo, barementanya batigarura, bakunda ibibahimbara ./.Bakabirutish’ Imana./.

Couplet 3

Abantu ntibemera ukwigisha kuzima, bifuz’ ibibanezera bakabirutish’ Imana ./.Birundaniriza abigisha babo, bahuje n’ukwifuza kwabo./.

Refrain

Ubushizi bw’isoni, ubusambanyi n’ubushakanyi, ukwikunda gusa, n’ugukunda amahera, abirarira abibona, abatumvira abavyeyi, abanegura ivy’Imana, badakunda n’ababo, barementanya batigarura, bakunda ibibahimbara ./.Bakabirutish’ Imana./.

Couplet 4

Abantu barahumanye s’abato s’abakuru; vyose vyarahumanye hakenewe ibindi bisha ./.Ntiwigere nawe ufatanya nabo, wirinde ububi bw’iki gihe./.

Refrain

Ubushizi bw’isoni, ubusambanyi n’ubushakanyi, ukwikunda gusa, n’ugukunda amahera, abirarira abibona, abatumvira abavyeyi, abanegura ivy’Imana, badakunda n’ababo, barementanya batigarura, bakunda ibibahimbara ./.Bakabirutish’ Imana./.

Couplet 5

Wirinde impwemu mbi z’iki gihe c’i Lawodikiya; impwemu yo kwishushanya n’iyindi y’ubugarariji ./.n’iy’idini n’iy’ivy’isi zose ziratumira, wirinde ntizize ziguhitane./.