#149
Ewe ncuti yanje uri ngaha
Umuco
Couplet 1
Ewe ncuti yanje uri ngaha wiyemeje gukurikira, Umwami Yesu aho uzoba hose, mu muriro canke mu rupfu, shir’umutima kw’isezerano.
Refrain
Uwusezerana ntashitse ameze nk’umuguruka, utwarwa n’umuyaga; none ko wasezeraniye Uhoraho, k’uzomushingir’ intahe hose k’uzogendana nawe hose shir’ umutima kw’Isezerano.
Couplet 2
Washinze intahe umunsi wabatizwa, imbere y’Imana n’imbere y’abantu, kugiye kwemangir’Umwami Yesu, Mu mibabaro canke mu marushwa shir’umutima kw’isezerano.
Refrain
Uwusezerana ntashitse ameze nk’umuguruka, utwarwa n’umuyaga; none ko wasezeraniye Uhoraho, k’uzomushingir’ intahe hose k’uzogendana nawe hose shir’ umutima kw’Isezerano.
Couplet 3
Ntuz’igihe uzomara kw’isi ntuz’umunsi Yesu azozira, ntuz’umunsi wawe wo kwimurwa, none bite niwadendebukirwa? Shir’umutima kw’isezerano.
Refrain
Uwusezerana ntashitse ameze nk’umuguruka, utwarwa n’umuyaga; none ko wasezeraniye Uhoraho, k’uzomushingir’ intahe hose k’uzogendana nawe hose shir’umutima kw’Isezerano.
Couplet 4
Iyambure ubunebwe mu rugendo, ugir’umwete mu vya Mpwemu, Iyambure umugenzo mu vy’Ijambo, wuzure uguhishurirwa, ubone gushika amahoro.
Refrain
Uwusezerana ntashitse ameze nk’umuguruka, utwarwa n’umuyaga; none ko wasezeraniye Uhoraho, k’uzomushingir’ intahe hose k’uzogendana nawe hose shir’ umutima kw’Isezerano.
Couplet 5
Ntuhengamire iburyo canke I bumoso, ntuhengamire mu vy’umubiri, ntuhengamire mu vya Mpwemu, n’ukorere agakiza kawe, uhind’agashitsi imbere y’Uhoraho.