#121
Har’ikintu kinezereza
Umuco
Couplet 1
Har’ikintu kinezereza, kandi kikantangaza; ahandi kikanter’ubwoba n’ivyerekeye Umukristo, n’Urugendo rwiwe rwose.
Refrain
Kwitwa Umukristo s’ikintu coroshe, kwitirirwa Kristo s’ikintu coroshe, ./.Ni kuba wapfanye nawe, ni kuba wazuranywe nawe; ivy’inyuma bikabora, Urubuto rukamera./.
Couplet 2
Iyo nzira y’Umukristo icamwo, abizeye Ubuntu bw’Uhoraho; abizigiy’ Amaroso y’Umwami, batizigiye inkomezi zabo, n’abapfuye kuri bo vy’ukuri.
Refrain
Kwitwa Umukristo s’ikintu coroshe, kwitirirwa Kristo s’ikintu coroshe, ./.Ni kuba wapfanye nawe, ni kuba wazuranywe nawe; ivy’inyuma bikabora, Urubuto rukamera./.
Couplet 3
Ivy’Imana ikorera Umukristo, birengeye ubwenge bw’abantu; ntawushobora kuvyiga kiretse abahishurirwa, n’inzira y’abamenetse rwose.
Refrain
Kwitwa Umukristo s’ikintu coroshe, kwitirirwa Kristo s’ikintu coroshe, ./.Ni kuba wapfanye nawe, ni kuba wazuranywe nawe; ivy’inyuma bikabora, Urubuto rukamera./.
Couplet 4
Nkunda kwitegereza Umukristo, ingene ater’ intambwe; iy’agiye kurangiza intambwe; biramugora cane rwose, s’inzira yab’ inyama n’amaraso.
Refrain
Kwitwa Umukristo s’ikintu coroshe, kwitirirwa Kristo s’ikintu coroshe, ./.Ni kuba wapfanye nawe, ni kuba wazuranywe nawe; ivy’inyuma bikabora, Urubuto rukamera./.
Couplet 5
Uyo Mukristo afis’imfunguzo, n’imfunguzo z’uburyo butatu; afise urw’ Ukwizera n’Ivyizigiro, n’urw’Urukundo ni zo yuguruza, iy’agiye gutera intambwe.
Refrain
Kwitwa Umukristo s’ikintu coroshe, kwitirirwa Kristo s’ikintu coroshe, ./.Ni kuba wapfanye nawe, ni kuba wazuranywe nawe; ivy’inyuma bikabora, Urubuto rukamera./.
Couplet 6
Intambwe zigenda zirutana, n’inzugi zigenda zirutana; nta n’imwe ingana n’iyindi, nta kwifuza intambwe y’uwundi, n’umwe wese mu ntambwe yiwe.