Indirimbo Zikundwa Open in the app

#109

Ikinyenyeri co mu gaturuturu

Umuco

Couplet 1

Ikinyenyeri co mu gaturuturu, kiri hafi guseruka; cerekana ko bugira buce, intambara igira ishire; indirimbo zizoca ziririmbwa, zerekana ko intambara ishize.

Refrain

Mbon’ivyiza vyinshi cane bibikiwe abanesheje umwe wese n’ivyiwe, nta bike nta na vyinshi kuko umwe wese anezerejwe n’ubuntu.

Couplet 2

Iy’umwiza uriho vyerekana ko, hariho n’umuco nawo; iyo hariho ijoro vyerekana ko, hariho n’umunsi nawo; none rer’ijoro rirakuze cane, ehe none bugira buce, Haleluya.

Refrain

Mbon’ivyiza vyinshi cane bibikiwe abanesheje umwe wese n’ivyiwe, nta bike nta na vyinshi kuko umwe wese anezerejwe n’ubuntu.

Couplet 3

Abikangura bariko barikangura, abansinzira barasinzira; umwiza uriko uramirwa, umirwa n’umuco utamanzuye; ico kinyenyeri ni ca seruka, intambara izoba ishize, haleluya.

Refrain

Mbon’ivyiza vyinshi cane bibikiwe abanesheje umwe wese n’ivyiwe, nta bike nta na vyinshi kuko umwe wese anezerejwe n’ubuntu.

Couplet 4

Uwo munsi n’umunsi w’uburuhukiro, hazoba har’amahoro; umwe wese azoronk’impembo, zikwiranye n’ivyo yakoze, ariko nta bike nta na vyinshi, kuk’umwe wese azoririmba, ubuntu.

Refrain

Mbon’ivyiza vyinshi cane bibikiwe abanesheje umwe wese n’ivyiwe, nta bike nta na vyinshi kuko umwe wese anezerejwe n’ubuntu.

Couplet 5

Ivyo dukorera mu Mwami vyose tuzobihemberwa vyose ni vyagaragara ko biramye vyose tuzobihemberwa; ehe none bugira buce cane ngo tubone ivyo twizeye, Haleluya.