Indirimbo Zikundwa Open in the app

#372

Turi mu rugendo (1)

Umuco 1

Couplet 1

Turi mu rugendo, tugiy’i Siyoni, Tugiye gushika, ni ko Mpwem’avuga, Ni ko yam’avuga uko dukoranye, Nta na rimw’asiba kuvug’iryo Jambo, Tugiye gushika, ni Mpwem’abivuga, Ni ko yam’asemerera mw’Ishengero.

Couplet 2

Umw’ahagurutse avug’ubutumwa, Avuga yeruye kw’igihe gishize, Uwundi muvugabutumwa bw’Imana, Iy’ahagurutse avug’uko nyene, Ivyo vyerekana kw’ari Mpwem’avuga, Ni Mpwemu w’Imana ari mw’Ishengero.

Couplet 3

Iyumuririmvyi atazir’Imana, Na we yam’avuga kw’igihe gishize Uwushing’intahe iy’ahagurutse, Na w’akavug’ati:”Tugiye gushika” Eka n’ivy’ukuri, s’umunt’abivuga, Ni Mpwemu wa Yesu Kristo mw’Ishengero.

Couplet 4

Abadahishurirw’Ijambo ry’Imana, Bo bama bibaza kw ar’umunt’avuga, Ariko bagenzi mubimenye neza, Yukw’atar’umuntu avug’iryo Jambo, Ijambo ry’umuntu ntirimera rirtyo, Mwame muvyibuka kw’ari Mpwem’avuga.

Couplet 5

Ikivyerekana yukw’atar’umuntu, N’ukw’ivyo rivuga twama tubibona, Uhereye kera ryama rihanura, Ivyo rihanuye bikama bishika, N’ubu nta kabuza bizoshika vyose, Niwizere gusa uzovyibonera.

Couplet 6

None bene Data dusangiy’Ijambo, Muze twame twisung’Ijambo twigishwa, Kuko tutaz’umusi Yes’azozira, Ni yaza mw’ijoro canke ku murango, Az’asange turi maso mu mitima, Twambay’ukugororoka Yes’atanga.