#370
Imisi yose Mwami..
Umuco 1
Couplet 1
Imisi yose Mwam’uzindurwa, No kutubwira ko igihe gikuze, Dufashe rero Mwami tuguhimbare, Igihe dusigaje mur’iyi si.
Couplet 2
Mbega Mwami, ko uzindurwa, No kutubwira ko igihe gikuze, Ku bw’inkomezi zacu ntidushobora, Oyaye, Mwami, ntitwobishobora.
Couplet 3
Ntitwogerageza Mwami Yesu, Kugir’ico twokumarir’ubwacu, Dufashe kugira ngo na twebw’ubwacu Tube inyegu yawe wiharije.
Couplet 4
Duh’imitim’itunganye Mwami, Kuko ibihe bikomeye cane, Mpwemu Yer’atuyobor’imisi yose, Twame tuyoborwa na W’imisi yose.
Couplet 5
Inkomezi zacu ntizodukiza, Dukeney’izawe zonyene Mwami, Kugira ngw ivyo dukora mur’iyi si, Tubikoreshwe n’inkomezi zawe.
Couplet 6
Tugirir’Ubuntu Mwami Yesu, Kugira ngo natwe tuzoshobore, Guhagarara dutsind’amadayimoni, Tuzoshobore gucir’imanz’abatizera.
Couplet 7
Ntitwoshobora Mwami guc’imanza Natw’ubwac’ingeso zacu zidutsinda Tube hafi Mwami Yesu kugira ngo, Ntituzomaramar’igih’uzogaruka.
Couplet 8
Ijambo ryawe ryama riduhanura, Ngo twifatanye na W’akaramata, Arikw’ivyo Mwami ntitwobishobora, Tubere mu ruhande ngo tubishobore.
Couplet 9
Ingo Mwam ube mu ruhande rwacu Ushits’ingeso zawe Mwami muri twe, Ivyawe bib’ari vyo bituganza rwose, Dushobore guhagarara ku bwawe.
Couplet 10
Ingeso zawe Mwami ni zo nziza, Izacu rwose ziranduye cane, Duhe Mwami tubimeny’ivyo na twebwe Bituber’inkinzo mu rugendo rwacu.
Couplet 11
Umugwaniz’aratugwanya cane, Yesu, duh’umwete wo gusenga cane, Ngo ivyo dukora tubirongorwemwo na, Mpwemu, Maze tub’abahizi mu vyizerwa.
Couplet 12
Iryo ni ryo sengesho ryacu Mwami Yesu kuk’ubwami bwawe ntibubonwa, N’abageragez’ubwabo kuguhimbara, Bubonwa n’abo washimye ko babubona.