Indirimbo Zikundwa Open in the app

#363

Uhoraho yaremye isi n’ijuru

Umuco 1

Couplet 1

Uhoraho yaremye isi n’ijuru, Ibiboneka n’ibitaboneka, kugira, {Bigaragaz’ubushobozi bwiwe bwinshi Bigaragaze Izina ryiwe.} x2

Refrain

Nimuze tumushimir’uwo Muremyi, (Haleluya) Nimuze duhimbaze Izina Ryiwe! Yatuzaniy’intsinzi ku musaraba, (Haleluya) Ni W’atang’amahoro (Haleluya)!

Couplet 2

Abamarayika barabibona, Bagahimbaz’Izina ry’Uhoraho, iyo mw’Ijuru, {Bitegerej’ubushobozi bwiwe bwinshi Bituma bamuh’icubahiro.} x2

Refrain

Nimuze tumushimir’uwo Muremyi, (Haleluya) Nimuze duhimbaze Izina Ryiwe! Yatuzaniy’intsinzi ku musaraba, (Haleluya) Ni W’atang’amahoro (Haleluya)!

Couplet 3

Inyoni zose ziba mu kirere, Zizinduka zihimbaz’Uhoraho kuko ni We, {Muremyi wa vyose kandi agaba vyose Isi yos’iri mu biganza vyiwe.} x2

Refrain

Nimuze tumushimir’uwo Muremyi, (Haleluya) Nimuze duhimbaze Izina Ryiwe! Yatuzaniy’intsinzi ku musaraba, (Haleluya) Ni W’atang’amahoro (Haleluya)!

Couplet 4

Na twebw’abaremwe n’Usumba vyose Nimuze tumuh’icubahiro, kuko ni We, {Yitangiy’ikimazi co kuducungura Kugira ngo turonk’ubugingo.} x2

Refrain

Nimuze tumushimir’uwo Muremyi, (Haleluya) Nimuze duhimbaze Izina Ryiwe! Yatuzaniy’intsinzi ku musaraba, (Haleluya) Ni W’atang’amahoro (Haleluya)!

Couplet 5

Yabwiye Mose umuhanuz’ati: Nta yindi Man’ir’inyuma yanje, Jewe ndiho {Kandi namyeho kuva mbere na mbere hose Isi yos’iri mu biganza vyanje.} x2