#357
Umuntu wese atang’ic’afise
Umuco 1
Couplet 1
Umuntu wes’atang’ic’afise, Kuk’uwurongorwa n’umubiri, Atang’ivy uyo mubiri nyene, Uwurongorwa na Mpwemu Yera, Agatang’ivy’uyo Mpwemu nyene.
Refrain
Ivy’uyu mubiri Bene Data, Nta kindi bizan’ atar’urupfu, Arikw’ivyo Mpwemu Yer’atanga, Bikatuzanira kuzoragwa, Ubwami bw’Imana buhoraho.
Couplet 2
Kwitwararik’ivy’uyu mubiri, Gufis’ikimazi kuri bike, Kukw’ar’ivy’igihe gito cane, Kwitwararik’ivya Mpwemu Yera, Kuzan’ubugingo n’amahoro.
Refrain
Ivy’uyu mubiri Bene Data, Nta kindi bizan’ atar’urupfu, Arikw’ivyo Mpwemu Yer’atanga, Bikatuzanira kuzoragwa, Ubwami bw’Imana buhoraho.
Couplet 3
Kugir’ubwenge n’ivy’igiciro, Kuk’umutima wuzuy’ubwenge, Utahura kw’igihe gikuze, Kandi ko hazoba n’urubanza, Twame twirinda gukor’ikibi.
Refrain
Abagize ubwenge nyakuri, Bama barind’imibiri yabo, Bakagendera mu bibereye, Ni bo bazokwaka nk’inyenyeri, Kuri wa musi w’Umwam’Imana.
Couplet 4
Ni twarongorwa na Mpwemu Yera, Tuzogendana n’Imana yacu, Tuzogira ubwenge nyakuri, Buzoturinda ku musi mubi, Dushobore kugenda tunesha.
Refrain
Abagize ubwenge nyakuri, Bama barind’imibiri yabo, Bakagendera mu bibereye, Ni bo bazokwaka nk’inyenyeri, Kuri wa musi w’Umwam’Imana.