#355
Mwami wanje, Mana yanje
Umuco 1
Couplet 1
Mwami wanje, Mana yanje, Ndakwihereje rwos’ubu, Unyobore mu vy’ugomba, Kuko nd’uwawe Mukiza.
Refrain
Iyo Nzira abayicamwo, Bagendera mu kwizera, Umfashe nanje, Mwami, Ngende nk’Abakizi bose.
Couplet 2
Iyo ngerageje, Mwami, Kuraba uko ndi ku bwanje, Nsanga jewe ntabereye, Kuz’imbere yawe Mwami.
Refrain
Iyo Nzira abayicamwo, Bagendera mu kwizera, Umfashe nanje, Mwami, Ngende nk’Abakizi bose.
Couplet 3
Mu Rugendo rwanje ndimwo, Jewe mpura n’ibingora, Ivyo numva n’ivyo ntumva, Mwami, jewe, n’uz’umfashe.
Refrain
Iyo Nzira abayicamwo, Bagendera mu kwizera, Umfashe nanje, Mwami, Ngende nk’Abakizi bose.
Couplet 4
Umpe kugwan’intambara, Nziza nk’abahizi bose, Rab’iyi si iraruhije, Mwami, jewe, n’uz’umfashe.
Refrain
Iyo Nzira abayicamwo, Bagendera mu kwizera, Umfashe nanje, Mwami, Ngende nk’Abakizi bose.
Couplet 5
Unyibutse urukundo, N’imbabazi zawe nyinshi, Kugira ngo mpumurizwe, N’ubuntu Wewe wangiriye.
Refrain
Iyo Nzira abayicamwo, Bagendera mu kwizera, Umfashe nanje, Mwami, Ngende nk’Abakizi bose.
Couplet 6
Imisi yanje nsigaje, Kuba mur’iyi si ndimwo, Umfashe jewe kugira, Ngo name ndagukorera.
Refrain
Iyo Nzira abayicamwo, Bagendera mu kwizera, Umfashe nanje, Mwami, Ngende nk’Abakizi bose.
Couplet 7
Umfashe, Mwami, gukorera, Agakiza kanje, Mwami, Ni nashik’ imbere yawe, Sinze mmaramare jewe.