Indirimbo Zikundwa Open in the app

#344

Bene data mwitegereze (1)

Umuco 1

Couplet 1

Bene Data mwitegereze ubuntu, Twagiriwe bwo kuba mw’Ihanga ry Imana, Ryo mu buryo bwa mpwemu, duhore twishimye, Kuko ari ko vyahimbaye Imana yacu.

Refrain

{Tuzokubona Mana... Tuzokubona Mana.} x2

Couplet 2

Twahawe ubuntu buhambaye cane, Kuko Imana vyayihimbaye kuduha, Umugabane hamwe n’Abera bayo, Mu Bwami bwayo, twishime kandi, tunezerwe.

Refrain

{Tuzokubona Mana... Tuzokubona Mana.} x2

Couplet 3

Ikitumenyesha ko tuzogerayo, S’ikindi dufise impamvu ibidutera, Kenshi duca mu makuba no mu vyago, Yamara hariho igihe bizoshira.

Refrain

{Tuzokubona Mana... Tuzokubona Mana.} x2

Couplet 4

Bene Data twitonde dutekereze, Twubahe kandi tunezerwe twizigire, Igikorrova c’Imana, kuko ari vyo, Bifis’ikimazi ku bagenda bahishurirwa.

Refrain

{Tuzokubona Mana... Tuzokubona Mana.} x2