#337
Abana b’imana b’ibihe vyose
Umuco 1
Couplet 1
Abana b’Imana b’ibihe vyose, Abahamagawe n’Uhoraho, Bagenda bayobok’Imana, Bakama bafise guhishurirwa.
Refrain
Nico gituma tukuragije, Urugendo rwacu Mana, Kukw’Ijambo ryawe ryaduhaye, kugir’ubwenge, Ngo tugende dutunganye, twame twiyeza... Ni ho tuzokubona Mwami.
Couplet 2
Twibajije kuri wa wundi Yobu, Ku butunzi yabanje kugira, Hanyuma ku mibabaro yagize, Arikw’akaba yaranesheje.
Refrain
Nico gituma tukuragije, Urugendo rwacu Mana, Kukw’Ijambo ryawe ryaduhaye, kugir’ubwenge, Ngo tugende dutunganye, twame twiyeza... Ni ho tuzokubona Mwami.
Couplet 3
Eliya naw’agiye kuzamurwa, Elisa yaciy’abihishurirwa, Aj’i Beteli, i Yeriko n’i Yorodani, Ariko Elisa ntiyamuv’inyuma.
Refrain
Nico gituma tukuragije, Urugendo rwacu Mana, Kukw’Ijambo ryawe ryaduhaye, kugir’ubwenge, Ngo tugende dutunganye, twame twiyeza... Ni ho tuzokubona Mwami.
Couplet 4
Abana b’Ubwami, bene Data, Ntibarongorwa n’ibiboneka, Kukw’ukwizera kwabo guhagaze, Mu kuzoragw’ivyasezeranywe.
Refrain
Nico gituma tukuragije, Urugendo rwacu Mana, Kukw’Ijambo ryawe ryaduhaye, kugir’ubwenge, Ngo tugende dutunganye, twame twiyeza... Ni ho tuzokubona Mwami.
Couplet 5
Namwe Shengero ry’Imana Nzima, Ko mwahamagawe n’Uhoraho, Nimugir’ukwizera kuzima, Muzoragw’Ubugingo budashira.