#325
Mbe bizokumarir’iki?
Umuco 1
Couplet 1
Mbe bizokumarir’iki mwene Data, Kuri wa musi w’Umwami Yesu, Ni wasangwa waratamiye ubusa, Kandi waraboneka ko wari warizeye?
Refrain
Uwo musi ni washika (ncuti), Umwami Yesu Azogaruka, Azohagarara iyo mu bicu, Azosemerera n’ijwi rirenga, Abizeye gusa vy’ukuri, Ni bo bonyene Bazozamurwa.
Couplet 2
Ko hariho ukwizera kumwe kuzima, Kwahawe abana b’Imana Nzima, Mbega woba ukugwanira, we mugenzi, Ng’uzobone wa musi w’Uhorah’Imana?
Refrain
Uwo musi ni washika (ncuti), Umwami Yesu Azogaruka, Azohagarara iyo mu bicu, Azosemerera n’ijwi rirenga, Abizeye gusa vy’ukuri, Ni bo bonyene Bazozamurwa.
Couplet 3
Ntaco bimaze kuvuga ng’ur’umukristo, Nta nicobizokumarira wewe, Ni waba wemerwa â abantu, ewe ncuti, Kandi utarongorwa n’Ijambo ry’Imana Yera.
Refrain
Uwo musi ni washika (ncuti), Umwami Yesu Azogaruka, Azohagarara iyo mu bicu, Azosemerera n’ijwi rirenga, Abizeye gusa vy’ukuri, Ni bo bonyene Bazozamurwa.
Couplet 4
Ko mbona ar’igihe c’i Lawodikiya, Amadini n’isi vyabay’umwe, Ivyo har’ico bikubwiye mwene Data? Yesu Umwami araje, none n’ube maso!
Refrain
Uwo musi ni washika (ncuti), Umwami Yesu Azogaruka, Azohagarara iyo mu bicu, Azosemerera n’ijwi rirenga, Abizeye gusa vy’ukuri, Ni bo bonyene Bazozamurwa.
Couplet 5
Ko turi mu gihe ciza, igihe c’Imana, Mbe wob’uhagaze gute nawe? Mbega witeze iki mugenzi kur’uyo musi? Abera bo biteze kuzosanganir’Umwami.