#267
Shengero ry’imana
Umuco 1
Refrain
Shengero ry’Imana... Shengero ry’Umukiza, N’ushime, unezerwe, umunezero, wawe wuzure! Kuko i Siyoni... i Siyoni, mw’Ijuru ku Mana, Ibudapfa, niho umutima, wawe uziritse.
Couplet 1
Umwami yavuze ati: “Nagukunze, urukundo, Rutagira akagero, none se, weho umpaye iki? Isi n’ijuru vyose, ibiyaga, Imisozi n’inzuzi zitemba, Bitarabaho nari nkuzi.
Refrain
Shengero ry’Imana... Shengero ry’Umukiza, N’ushime, unezerwe, umunezero, wawe wuzure! Kuko i Siyoni... i Siyoni, mw’Ijuru ku Mana, Ibudapfa, niho umutima, wawe uziritse.
Couplet 2
Mbega se womenya imigabo myiza, Jewe ngufitiye? Icompa gusa, ukanyumvira, Wumvire intumwa, wumvire, abavugishwa, Wicishe bugufi, niryo shikanwa, rimpimbara.
Refrain
Shengero ry’Imana... Shengero ry’Umukiza, N’ushime, unezerwe, umunezero, wawe wuzure! Kuko i Siyoni... i Siyoni, mw’Ijuru ku Mana, Ibudapfa, niho umutima, wawe uziritse.
Couplet 3
Nta gihe na kimwe wigeze usonza, Canke ng’ugw’isari, wamye unywa, kuri rwa Rutare, Ico ndagusavye n’uce bugufi, Maze uce aho ngucisha, Ubone kuragwa ibihoraho.