Indirimbo Zikundwa Open in the app

#265

Umpe amahoro mwam’imana

Umuco 1

Couplet 1

Umpe amahoro Mwam’Imana! Umpe amahoro nka Abeli! Umpe amahoro nka Enoki! {Kugeza aho uzozira.} x2

Refrain

{Amahoro... ivyizigiro... urukundo, Biri mu kwizera kwa Yesu.} x2

Couplet 2

Umpe kubona igikorwa cawe! Umpe kwizera Ijambo ryawe! Kugira ishaka nka Eliya, {N’aho nohamwa cane.} x2

Refrain

{Imigabo... Ufitiye... Umugeni, Nta munyamahanga ayimenya.} x2

Couplet 3

Ngendere mu kwizera kwawe! Ngendere mu kuboko kwawe! Mbon’ urufakiro rw’intumwa, {Mpishurirwe ukugomba kwawe.} x2

Refrain

{Guhahamira... isezerano... kurishikira, Bibonwa n’abahizi gusa.} x2