Indirimbo Zikundwa Open in the app

#261

Ico nshaka ni kimwe gusa

Umuco 1

Couplet 1

Ico nshaka ni kimwe gusa, N’ugushika mw’Ijuru, Ivyo mw’isi ndabihinyuye, Ndonder’ivyo mw’Ijuru.

Refrain

Mbega jewe nzoshikayo, Jewe mw’Ijuru k’Uhorah’ Imana? Nzorushaho kunezererwa, Ni nashika mw’Ijuru ku Mana Yera.

Couplet 2

Ngaha kw’isi tur’abashitsi, Iwacu ni mw’Ijuru, Ku Mana ni ho tuzohora, Imyaka bo n’imyaka.

Refrain

Mbega jewe nzoshikayo, Jewe mw’Ijuru k’Uhorah’ Imana? Nzorushaho kunezererwa, Ni nashika mw’Ijuru ku Mana Yera.

Couplet 3

Ewe ncuti ndakuburire, Niwizigire vuba, Uzoronka umunezero, Ni washika mw’Ijuru.

Refrain

Mbega jewe nzoshikayo, Jewe mw’Ijuru k’Uhorah’ Imana? Nzorushaho kunezererwa, Ni nashika mw’Ijuru ku Mana Yera.

Couplet 4

Mwene Data rek’ivyo vyose, N’ukurikir’Imana, Mbeg’uwo musi ni washika, Uzogenda mw’Ijuru?

Refrain

Mbega jewe nzoshikayo, Jewe mw’Ijuru k’Uhorah’ Imana? Nzorushaho kunezererwa, Ni nashika mw’Ijuru ku Mana Yera.

Couplet 5

Iy’iwacu ku Mana Yera, Ivyiza biruzuye, N’unezerwe kuj’iy’iwacu, Gusanganir’Umwami.

Refrain

Mbega jewe nzoshikayo, Jewe mw’Ijuru k’Uhorah’ Imana? Nzorushaho kunezererwa, Ni nashika mw’Ijuru ku Mana Yera.

Couplet 6

Mbega woba wizeye Yesu, Kugir’uje mw’Ijuru? Kuko ni W’inzira n’ukuri, Buging’imyaka yose.